6 Arikw iryo jambo ribabaza Samweli, ko bavuze ngo n’abahe umwami wo kubacīra imanza; araheza asenga Uhoraho.
Urukundo rwanje barwishuye kuba abarwanizi banje, Ariko jeho nitwariritse gusenga.
Mose abaza Aroni, ati Mbeg’ aba bantu bakugize bate catumye ubazanakw icaha kingana girtyo?
Es’ icompa ukabaharira icaha cabo! Na ho bidashobotse, jewe upfume usibanganya izina ryanje mu gitabo cawe wanditse.
Mbeg’ umwami wawe ari hehe, ngw agukize mu bisagara vyawe vyose? N’abashingantahe bawe bari hehe, abo wasavye ngo baguhe umwami n’abaganwa?
Mose araraka cane, asaba Uhoraho, ati Ntiwemere amashikanwa yabo; urazi kw ata we nanyaze indogoba n’imwe, canke ngo hagire n’umwe nagiriye nabi.
Baca barapfukama barūnama, bati Mana, yewe Mana y’impwemu z’abari n’umubiri bose, umuntu umwe akoze icaha, mbega woca urakira ishengero ryose?
Mose abarira Aroni, at’ Abīra icotero cawe, ugishiremw’ umuriro uwukūye ku gicaniro, ugerekekw imibavu, ukijane n’ingoga mw ishengero, ubahongere: kuko haje uburake buvuye k’Uhoraho, ikīza kikaba gitanguye gutēra.
Ntimugire ico mwiganyira, ariko muri vyose ivyo mugomba bimenyeshwe Imana, mu gusenga no mu kwinginga bifatanije no gukenguruka.
Arikw asangwa har’ uwo muri mwebge akennye ubgenge, n’abusabe Imana, igabira bose ata kinūbge, idaterana imirarwe, azobuhabga.
arik’ uyu musi muranse Imana yanyu, kand’ ari yo nyene ubgayo ihora ibakiza mu vyago vyanyu vyose no mu magorwa; mwarayibgiye ngo n’ibahe umwami. Nuko rero, ni muze muhagarare imbere y’Uhoraho, umuryango wose uk’ uri, n’ inzu yose ukw iri.
Maze mubona Nahashi umwami w’Abamoni abateye; kandi nah’ Uhoraho Imana yanyu ari we yar’ umwami wanyu, murambarira, muti Nta co biriko: mut’ Umwami ni we azotuganza.
Mbeg’ ubu si mw igenya ry’ingano? None ngira nsabe Uhoraho arungike imvura irimw’ imituragaro; muca mumenya kandi mubone kw ibigabitanyo vyanyu ari vyinshi, ivyo mwagabitanije imbere y’Uhoraho, ko mwisabiye umwami.
Nukw abantu bose babarira Samweli, bati Dusengere k’Uhoraho Imana yawe, twebge abasavyi bawe, twoye gupfa, kuko twageretse ku vyaha vyacu vyose iki caha co kwisabira umwami.
Kandi nanje, ntibikanzeko ko noreka kubasengera, ngacumura k’Uhoraho, ariko nzokwama mbarangira inzira nziza itunganye.
riti Ndicujije icatumye nimika Sauli; kuko yamvuyeko, akanka gukora ivyo namubariye. Maze Samweli araraka, akēsha ijoro atakambira Uhoraho.
Bukeye Samweli aravuga, at’ Abisirayeli bose ni mubakoranirize i Misipa, nanje nzobasengera k’ Uhoraho.