Uko ni kw abashingantahe bose b’Abisirayeli bāshengereye umwami i Heburoni; nuk’ umwami Dawidi asezeranira na bo isezerano imbere y’Uhoraho i Heburoni nyene; bamwimikisha amavuta ngw abe umwami w’Abisirayeli.
Genda, uz’ ukoranye abashingantahe b’Abisirayeli, ubabgire, ut’ Uhoraho, Imana ya ba sogokuruza, yaranyiyeretse, ari yo Mana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo, irambarira, iti N’ukuri nabagendeye, mbona ivyo babagirira muri Egiputa: