Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 8:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Yamar’ abo bahungu biwe ntibāri n’ingeso nk’ iziwe, ariko bākebereje gukurikira inyungu mbi, bakarya ingurire, bakagoreka imanza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 8:3
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi Abusalomu agatakw akavuga, ati Yemwe, iyaba naragizwe umucamanza w’iki gihugu, umuntu wese yogize imbūrano cank’ aje kwitwara, akanshikīra, nomuciriye urubanza rwiza!


Ntagurānira amahera kuzohabga ay’ inyungu, Ntiyemera ingurire yo gutsindisha ūfise urubanza. Ūgenza artyo nta kizomunyiganyiza.


Amaboko yabo arimw’ umugararizo, Ukuboko kwabo kw’i buryo kwuzuye ingurire.


Ikindi, utoranye mu bantu bose abashoboye guca imanza, bubaha Imana, b’abanyakuri, banka ingurire; uheze ubakuze, babe bakuru bo kuganza abantu, bamwe igihumbi‐igihumbi, abandi ijana‐ijana, abandi mirongwitanu‐itanu, abandi cumi‐cumi.


Ntihaze hagire ūgoreka urubanza rw’umworo wo mu b’i wanyu.


Ntimuze mwemere ingurire: kukw ingurire ihuma amaso y’ ababona, kand’ igoreka imanza z’ abagororotsi.


Kandi ni nde yomenya yuk’ uyo azoba umunyabgenge cank’ igipfu? Yamar’ azoganza ivyavuye mu butame bganje bgose ivyo natamiye, nkerekaniramw’ ubgenge musi y’ izuba. Ivyo na vyo nyene n’ubusa.


Abakuru bawe n’abagarariji, n’abagenzi b’ibisuma; umuntu wese muri bo akunda ingurire, akurikira guhongerwa; ntibacira urubanza impfuvyi, kand’ imanza z’abapfakazi ntizigera aho bari.


Ūgendera mu bugororotsi akavuga ibitunganye, akagaya inyungu ziva mu gahahazo, agahungisha amaboko ngo ntiyābīre ingurire, akīziba amatwi ngo ntiyumve inama yo kuvisha amaraso, agahumiriza amaso ngo ntarābe ibibi:


Abakuru baho baca imanza kubg’ ingurire, n’abaherezi baho bigishiriza ingero, n’abavugishwa baho baragurira kubona ingemu: yamara bisunga Uhoraho, bakavuga, bati Mbeg’ Uhoraho ntari muri twebge? bat’ Erega nta cago kizodushikako.


Ntimuze mugoreke imanza, ntimuze muce urwa nkunzi, canke ngo murye ingurire: kukw ingurire ihuma amaso y’ abanyabgenge, ikagoreka imanza z’ukuri.


atar’ umunoho wa vino, cank’ umusinzi, arikw abe umugwaneza, atitoraguza, atar’ inkunzi y’amahera,


Kuko gukunda amahera ar’imizi y’ibibi vyose; ayo bamwe bifuje, bakazimira, bagata ukwizera, bītobekeranisha imibabaro myinshi.


Eh’ umwami azobarōngōra nguyo; jeho ndashaje, mmeze imvi; kandi rāba abahungu banje muri kumwe: nanje murazi ko nabarōngōye uhereye mu buto bganje ugashitsa n’ubu.


Maze ngw Azokwihagurukiriza umuherezi w’umwizigirwa, umuntu azokora nk’ivyari mu mutima wiwe no mu vyiyumviro vyiwe; ngo Kand’ azomwubakira inzu izokwamaho; na we azogendanira uwo yimikishije amavuta ibihe vyose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ