20 kugira ngo natwe tumere nk’ayandi mahanga yose, tugire umwami wo kuducīra imanza no kutuja imbere no kuturwanira mu ntambara.
Ariko bivangavanga n’amahanga, Biga ingeso zayo.
None n’iki comenyekanisha yuko nagiriwe ubuntu imbere yawe, twe n’iryo hanga? Mbega s’uko wojana natwe, bigatuma twe n’ihanga ryawe dutandukanywa n’amahanga yose ashagaje kw isi?
Kuko nababonye mpagaze hejuru ku bitandara, Nkabitegereza mpagaze ku misozi. Rāba, n’ihanga ryībēra ukwaryo, Ritīharūra mu yandi mahanga.
Iyo muba ab’ isi, isi iba ikunze icayo, maze kuko mutar’ ab’ isi, ariko nabatoranije mu b’isi, ni co gituma isi ibanka.
Munezererwe kwizigira ibizoba; mwihanganire amagorwa; mushishikare gusenga;
Nuko muve hagati ya ba bandi, Mubītandukanyeko, ni k’Uhoraho agize, Kandi ntimugakore ku kintu gihumanya na kimwe; Nanje nzobākira,
Kuko mur’ ihanga ryera ryarobanuriwe Uhoraho Imana yanyu; kand’ Uhoraho Imana yanyu yabatoranije mu mahanga yose yo mw isi ngo mube ihanga yiharije.
Tweho i wacu ni mw ijuru, ni ho twiteze Umukiza kw azova, ni we Mwami Yesu Kristo,
Ariko mweho mur’ ubgoko bgātoranijwe, mukoranije kuba abami n’abaherezi, mur’ ihanga ryera, abantu bāshiriweho kuba inyegu yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ry’Iyabahamagaye, ikabakūra mu mwiza, ikabashitsa mu muco wayo utangaje:
Maze mubona Nahashi umwami w’Abamoni abateye; kandi nah’ Uhoraho Imana yanyu ari we yar’ umwami wanyu, murambarira, muti Nta co biriko: mut’ Umwami ni we azotuganza.
Eh’ umwami azobarōngōra nguyo; jeho ndashaje, mmeze imvi; kandi rāba abahungu banje muri kumwe: nanje murazi ko nabarōngōye uhereye mu buto bganje ugashitsa n’ubu.
baramubarira, bat’ Ehe rāba urashaje, kand’ abahungu bawe ntibafise ingeso nk’izawe; none rer’ utwimikire umwami wo kuducīra imanza nk’ayandi mahanga yose.