2 imfura yiwe yitwa Yoweli, uw’ ubuheta yitwa Abiya. Baba abacamanza b’i Beri‐sheba.
Aburahamu asubira aho ya mikangara yiwe iri, barikora, basubirana na we i Beri‐sheba; kuko Aburahamu ari ho yaba nyene.
Nuko Isirayeli afata urugendo, arajonjora n’utwiwe twose, ashika i Beri‐sheba, aha Imana ibimazi arabikerera, Imana ya se Isaka.
Eliya aca aterwa n’ubgoba, akūra hasi, arahunga ngw akize amagara, aja i Beri‐sheba h’i Buyuda, ahasiga umuntu wiwe.
Shalumu avyara Hilukiya, Hilukiya avyara Azariya;
Bene Samweli, imfura yiwe ni Yoweli, uwa kabiri ni Abiya.
Kora wa Isuhari, Isuhari wa Kohati, Kohati wa Lewi, Lewi wa Isirayeli.
ariko ntimukabarize i Beteli, canke ngo muje i Gilugali, canke ngo mushike i Beri‐sheba: kukw ab’i Gilugali bazokwambukanwa ar’ inyagano, n’i Beteli hazotītūka.