Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 8:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Arikw abantu banka kwumva ivyo Samweli ababariye, baravuga, bati Nta co biriko, turagomba umwami wo kutuganza,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 8:19
9 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yamara ntibaruha bavyumva; ariko Manase abakwegera mu bibi kuruta ivyo amahanga yakora, ayo Uhoraho yaranduye imbere y’Abisirayeli.


Arikw abantu banje ntibanyumviye; Abisirayeli baranyikunkumura.


Nanje ndabareka, ngo bakurikire ugukomantara kw’ imitima yabo, Ngo bagendere mu migabo bigeneye.


None nanje nzobatoraniriza amagorwa, mbatēze ibibatera ubgoba; kukw aho nahamagara ata witavye, aho navuga ntibumve, ariko bagakora ivyo mbona kw ari bibi, bagahitamw’ ivyo nanka.


bati Ku vy’ijambo utubariye mw izina ry’Uhoraho ntitukwumvira.


Kandi none, ko mwakoze ivyo bikorwa vyose, ni jewe Uhoraho mbivuze, nkaba nari naravuganye namwe nzinduwe no kubabgira, ariko ntimwumve, nkabahamagara ariko ntimwitabe;


Maze baza kuri wewe nk’ ukw abantu basanzwe baza, bakicara imbere yawe nk’ah’ ar’ abantu banje, bakumviriza amajambo yawe, ariko ntibayakore: kuko berekanisha akanwa kabo urukundo rwinshi, yamar’ imitima yabo ikurikira ukwiyungukira kwabo.


Ni mwamara gushika mu gihugu Uhoraho Imana yanyu abaha, mukacegukira mukakibamwo; mukiyumvira, muti Reka twishirireh’ umwami wo kutuganza, nk’uko bimeze mu yandi mahanga yose adukikije;


Maze mubona Nahashi umwami w’Abamoni abateye; kandi nah’ Uhoraho Imana yanyu ari we yar’ umwami wanyu, murambarira, muti Nta co biriko: mut’ Umwami ni we azotuganza.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ