Ni mwamara gushika mu gihugu Uhoraho Imana yanyu abaha, mukacegukira mukakibamwo; mukiyumvira, muti Reka twishirireh’ umwami wo kutuganza, nk’uko bimeze mu yandi mahanga yose adukikije;
Maze mubona Nahashi umwami w’Abamoni abateye; kandi nah’ Uhoraho Imana yanyu ari we yar’ umwami wanyu, murambarira, muti Nta co biriko: mut’ Umwami ni we azotuganza.