15 Kand’ azobatoza ibigiracumi vy’impeke zanyu n’inzabibu kw amarari, abihe abīshikira biwe n’abantu biwe.
Ba Bamidiyani, bashikanye Yosefu muri Egiputa, bamugura na Potifari, umugendanyi wa Farawo, yaganza abamushibamira.
Kand’ abahungu bawe uzoba wīkūriye mu nda wavyaye bazobajana, bagirwe inkone zo kuba mu ngoro y’umwami w’i Babuloni.
Nukw iyo misi igeze umwami yari yarashinze ko babazana, umukuru w’inkone abashikana imbere ya Nebukadineza.
Nuk’ umwami abarira Ashipenazi, umukuru w’inkone ziwe, kuzana bamwe bo mu Bisirayeli bo mu nda y’ingoma, n’abo mu bapfasoni,
Kand’ azofata imirima yanyu n’imizabibu yanyu n’imyelayo yanyu, ibiruta ibindi kuba vyiza, abihe abantu biwe.
Kand’ azobanyaga abagurano banyu b’abahungu n’abakobga, yikubitire intorwa mu nka zanyu no mu ndogoba, abikoreshe ibikorwa vyiwe.