14 Kand’ azofata imirima yanyu n’imizabibu yanyu n’imyelayo yanyu, ibiruta ibindi kuba vyiza, abihe abantu biwe.
Umubarire, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngo Non’ urishe, utak’ ushikīra imyandu? Uheze umubarire, ut’ Uku ni k’ Uhoraho agize, ngw Ah’ imbga zarigatiye amaraso ya Naboti, ni ho zizorigatira n’ayawe.
Bukeye Ahabu abarira Naboti, ati Mpa urwo ruzabibu rwawe, kugira ngo ndahagire umurima w’imboga, kuko ruri hafi y’urugo rwanje, nanje ndaguha urundi ruruta urwo mu gishingo carwo; canke ni wagomba, ndaguha amahera aruciye.
Umwamikazi wiwe Yezebeli aramubaza, ati None si wewe uganza igihugu c’Abisirayeli? Vyuka mufūngure, mushire umubabaro, jewe nzoguha urwo ruzabibu rwa Naboti w’i Yezireli.
Yamara segaba ntakanyage amashamvu y’abantu, ngw abasohore mu mashamvu yabo; ariko ni yakebera abana biwe ishamvu, ayikūre ku ho yiganziye ubgiwe, ngw abantu banje boye kuzosābagizwa, ngo hagire umuntu akūrwa mw ishamvu yiwe.
Sauli abaza abo bagendanyi biwe bamuhagaze irya n’ino, ati Yemwe mwa Babenyamini! Aho mwene Isayi uwo azoha umuntu wese muri mwebge amatongo n’imizabibu? Kandi mwese azobagira abagaba ibihumbi n’abagaba amajana,
Kand’ azofata abakobga banyu, abashinge kuba abasyi b’imbazi n’abatētsi n’abacumvyi.
Kand’ azobatoza ibigiracumi vy’impeke zanyu n’inzabibu kw amarari, abihe abīshikira biwe n’abantu biwe.