Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 8:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Aravuga, at’ Umve ubugene umwami agiye kubaganza azobagirira: azofata abahungu banyu abashinge gukora ivy’ imikogote yiwe n’ivy’ amafarasi yiwe, no kwiruka imbere y’imikogote yiwe;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 8:11
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Hanyuma y’ivyo, Abusalomu yironderera umukogote n’amafarasi, n’abantu mirongwitanu bo kumwiruka imbere.


Hanyuma Adoniya umwana wa Hagita arishira hejuru, aravuga, ati Ni jewe nzoba umwami. Yironderera imikogote n’abagendera ku mafarasi, n’abantu mirongwitanu bo kumwiruka imbere.


Kandi Salomo yironderera imikogote y’intambara n’abo kugendera ku mafarasi; yar’ afise imikogote igihumbi n’amajana ane, n’abagendera ku mafarasi ibihumbi cumi na bibiri, bamwe abashira mu bisagara bibīkwamw’ imikogote, abandi i we i Yerusalemu.


Nukw iyo misore iramubarira, it’ Uze wishure abo bantu bakubariye ngo so yabatwaje igitugu, ariko ngo weho ubagabanyekw iyo ntwaro; uz’ ubabarire, ut’ Uruhererezi rwanje ruruta ubunini ikiyunguyungu ca data!


bati So yadutwaje igitugu; none rero, n’ utugerurire ibikorwa bibabaza so yadukoresha, utugabanyeko n’iyo ntwaro yadutwaza, natwe tuzogusaba.


Maz’ umwami Rehobowamu acurisha izindi nkinzo mu miringa zo gusubira mu gishingo cazo, azizēza abakuru b’ abashibamyi bāshibama ku gisapfu c’ingoro y’umwami.


Ukuboko kw’Uhoraho kuja kuri Eliya; arakenyera, yiruka imbere ya Ahabu barinda bashika kw irembo ry’i Yezireli nyene.


Maze Samweli amenyesha abantu imiganzirize y’ubgami ukw izobamerera, avyandika mu gitabo, akibīka imbere y’Uhoraho. Samweli araheza asēzera abantu bose, barataha.


Imisi yose Sauli yabayeho hābaye indwano zigoye hagati yabo n’Abafilisitiya; kandi Sauli, iy’ abonye umuntu wese w’amagara kandi w’umuhizi yaca amujana i we.


Sauli abaza abo bagendanyi biwe bamuhagaze irya n’ino, ati Yemwe mwa Babenyamini! Aho mwene Isayi uwo azoha umuntu wese muri mwebge amatongo n’imizabibu? Kandi mwese azobagira abagaba ibihumbi n’abagaba amajana,


None rero n’upfe kubemerera, arik’ ubihanikirize cane, ubamenyeshe ingeso z’umwami azobaganza uko zizobamerera.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ