uheze unyubakire igicaniro kur’ iki gitandara, jewe Uhoraho Imana yawe, mu buryo bushinzwe, ujane ya mpfizi ya kabiri uyitange kw ikimazi co kwoswa, ucanirize inkwi za ya nkingi ya Ashera uzoba watemaguye.
Bukeye abantu bo mu gisagara bavyutse, basanga ca gicaniro ca Bayali gisanganguwe, na ya nkingi ya Ashera yar’ ishinzwe i ruhande yaco yatemaguwe, na ya mpfizi ya kabiri yatangiwe ku gicaniro cubatswe.
Samweli arasiguza, ati Nogenda nte? Erega Sauli ni yavyumva azonyica. Uhoraho aramwishura, ati Hitana inka y’ishashi, ugende, uvuge, uti Nje gushikanira Uhoraho ikimazi.