8 Abisirayeli babarira Samweli, bati Ntuhengeshanye kudutakambira k’Uhoraho Imana yacu, kugira ngw adukize, ntidukorokere mu maboko y’Abafilisitiya.
Ngo Kumbure Uhoraho Imana yawe yokwumva amagambo ya Rabushake, ayo shebuja umwami w’i Ashuri yamutumye gutuka Imana nzima, Uhoraho Imana yawe akamuhana kubg’ ayo magambo yumvise. Ngo Nuko rero, shirak’ usenge, usabire amasigarira agisigaye.
Kubga Siyoni sinzocereza, no kubga Yerusalemu sinzoruhuka, gushitsa ah’ ugutsinda kwaho kuzoserukira nk’umuco, n’ agakiza kaho kakamera nk’itara ryaka.
Namb’ ar’ abavugishwa n’Imana, kandi namb’ ijambo ry’Uhoraho riri muri bo, ni bashireko binginge Uhoraho Nyen’ ingabo ngw ibintu vy’imbombovu bisigaye mu ngoro y’Uhoraho no mu ngoro y’umwami w’i Buyuda, n’i Yerusalemu, bireke kujanwa i Babuloni.
bēgēra uwavugishwa n’Imana Yeremiya, bati Turakwinginze, emera ico tugusaba, udusengere k’Uhoraho Imana yawe, twebge aya masigarira twese; kuko dusigaye turi bake twahora turi benshi, nk’uko nawe utwibonera:
Mwaturanire ivyaha vyanyu, musengeranire, kugira ngo mukire indwara. Ugusaba kw’umugororotsi kugira ikimazi kuri vyinshi mu gikorwa cakwo.