Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 7:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Nuko bakoranira i Misipa, bavoma amazi, bayavyagiza imbere y’Uhoraho; uwo musi barisonzesha, baravuga, bati Twaracumuye k’Uhoraho. Maze Samweli acīrira Abisirayeli imanza aho nyene i Misipa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 7:6
47 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

bo na Mizipa, kuko Labani yavuze, at’ Uhoraho yame ahagaze hagati ya twe nawe tumaze gutandukana.


Erega twese tuzopfa, tumeze nk’amazi asēseka ntayorwe. Mbere n’Imana ntiyiciraho, arikw irondera uburyo kugira ng’ uwaciwe ntaz’ arinde apfa akir’ igicibga.


maze bakīsubiramwo bari mu gihugu bajanywemw’ ar’ inyagano, bagahindukira, bakagutakambira bari mu gihugu c’ababafashe mpiri, bati Twaracumuye, twaragabitanije, twakoze nabi;


Maze bamwe batatu baca mu ngabo z’ Abafilisitiya, bavoma amazi mur’ iryo riba ryo kw irembo ry’i Betelehemu, barayazana, bayaha Dawidi; ariko yanka kuyanywa, ayavyagiza imbere y’Uhoraho.


Yehoshafati agira ubgoba, aca agira umwete wo kurondera Uhoraho, ashinga umusi wo kwisonzesha mu Buyuda hose.


Ni co catumye ubagabura mu maboko y’abansi babo babashira mu vyago. Maze babonye bari mu vyago, ngo bagutakambire ukabumva uri mw ijuru, ukarungika ababatabara, bakabakūra mu maboko y’abansi babo kubg’ imbabazi zawe nyinshi.


Abakunzi banje barankēngēra, Arikw ijisho ryanje risuka amosozi imbere y’Imana,


Kuko kuniha kwanje kumbereye ivyo kurya, Kand’ amaborogo yanje asukwa nk’amazi.


Aririmbira imbere y’abantu, Ati Naracumuye, ngoreka ibiroranye, Ariko nta co vyammariye.


ati Rāba ndi nta kimazi: nokwishura iki? Nifashe ku munwa.


Ni co kinteye kwizinukwa, nkihana Nigaragura mu mukungugu no mu munyota.


Twaracumuye, nka ba sogokuruza, Twaragabitanije, twakoze ivyaha.


Amaso yanje asendanisha inzūzi z’amazi, Kuko batitondera ivyagezwe vyawe.


Amosozi yanje ni yo yambereye ivyo kurya ku murango no mw ijoro, Bakarenza izuba bambaza, bat’ Imana yawe iri hehe?


Kuniha kurandambiye; Ukw ijoro ryije ntotesha uburiri bganje amosozi, Uburiri bganje ndayabucuncuburirako.


Yemwe bantu, mwame muyizigira ibihe vyose: Musuke ivyo mu mitima yanyu imbere yayo: Imana ni yo itubera ubuhungiro. Sela.


N’ ukuri mmaze guhindukizwa narihannye; bimaze kunyigisha narishishitiye: nagize isoni, mbere ndatētērwa, kukw ibiteye isoni vyo mu buto bganje vyansubiyeko.


Maze mu mwaka ugira gatanu Yehoyakimu mwene Yosiya umwami w’i Buyuda ari ku ngoma, mu kwezi kw’icenda, abantu bose b’i Yerusalemu n’abantu bose bavuye mu bisagara vy’i Buyuda baja i Yerusalemu, bashinga umusi wo kwisonzeshereza imbere y’Uhoraho.


Icompa umutwe wanje ukuzuramw’ amazi, amaso yanje akaba isōko y’amosozi, kugira ngo name ndira ku murango no mw ijoro, ndirira abishwe ba wa mukobga, ari bo bgoko bgacu!


Amaso yanje yakobowe n’ amosozi, amara yanje aradobangana, Umutima wanje usanzariye hasi kubgo kugesezwa kw’ umukobga w’ubgoko bgacu; Kukw abana bato n’abonka barabiraniye mu nzira zo mu gisagara.


Amaso yanje aracunduguta, ntasigaho, ntahengeshanya,


Ibitsibo vyo ku mitwe yacu birakorotse: Tubonye ibara, kuko twakoze ivyaha.


Mbega ntiwobacira urubanza, ga mwana w’umuntu, ntiwobacira urubanza? Bamenyeshe ibizira vya ba sekuruza.


Ni mwumve ibi, yemwe baherezi, kandi mwumvirize namwe ab’ inzu ya Isirayeli, mutege amatwi yemwe ab’ inzu y’umwami, kuk’ urubanza ari mwebge rutsinze; kuko mwabereye i Misipa umutego, mukabera i Tabora ururiba rutezwe.


Enda naho bigeze iyo, ni k’ Uhoraho agize, ni mungarukeko n’imitima yanyu yose, mwisonzesha, murira, muboroga;


Ibi bize bibabere icagezwe c’intahava: mu kwezi kw’indwi, ku musi wakwo w’icumi, muze mwame mwibabaza; ntihaze hagire ūgira igikorwa awukorako, naho yoba imvukira, cank’ umunyamahanga aba muri mwebge.


Ariko ni bātura ibigabitanyo vyabo n’ibigabitanyo vya ba sekuruza, ari vyo bihemu vyabo, bakemera yuko kunyuranya nanje kwabo


Mve hasi, nje kwa data, mmubgire, nti Data, nacumuye ku Yo mw ijuru no mu maso yawe,


Maz’ Abisirayeli batakambira Uhoraho, bati Twagucumuyeko, kuko twakuvuyeko ari wewe Imana yacu, tugasaba za Bayali.


Abisirayeli bishura Uhoraho, bati Twaracumuye koko, none n’utugire uk’ ugomba: mugabo, wemere kudukiza iri rimwe gusa.


Maz’ umumarayika w’Uhoraho amaze kubgira Abisirayeli bose ayo majambo, abantu baraturikisha bararira.


Maz’ Abisirayeli baradūga, baja kuririra imbere y’Uhoraho gushitsa ku mugorōba; babaza Uhoraho, bati Mbega dusubire kuja kurwana n’ab’ i wacu b’Ababenyamini? Uhoraho arabishura, at’ Ego me dūga mubatere.


Maz’ ingabo zose z’Abisirayeli n’abantu bose baradūga, baja i Beteli, bicara ngaho imbere y’ Uhoraho barira, bīrirwa bīsonzesheje kugeza ku mugorōba, batangira ngah’ imbere y’Uhoraho ibimazi vyo kwoswa n’ibimazi vy’ ishimwe.


Mpwemu w’Uhoraho amuzako, ahinduka umucamanza w’Abisirayeli. Bukeye aja gutera, maz’ Uhoraho amugomorera Kushani‐rishatayimu uwo mwami w’i Aramu‐naharayimu, aramunesha.


Ariko Hana aramwishura, at’ Oyaye mwami wanje, nd’ umuntu yabonye amahano! Nta vino nanyoye cank’ ikindi kiboreza, ariko nariko ndasuka amajojwa yanje imbere y’Uhoraho.


Bukeye Samweli akoraniriza abantu i Misipa imbere y’Uhoraho,


Maze batakambira Uhoraho, bati Twaracumuye, kuko twaguhevye, ewe Uhoraho, tugasaba za Bayali na Ashitaroti; bati Non’ uturokore, udukūre mu maboko y’abansi bacu, abe ari wewe dusaba.


Imisi yose Samweli yamaze, yar’ umucamanza w’Abisirayeli.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ