Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 7:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Bukeye Samweli aravuga, at’ Abisirayeli bose ni mubakoranirize i Misipa, nanje nzobasengera k’ Uhoraho.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 7:5
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

None rero subiza uwo mugabo umugore wiwe, kukw ar’ūvugishwa nanje; na we azogusengera, ubone kubaho. Ariko n’utamumusubiza, umenye yuk’ utazobura gupfa, mwe n’abawe bose.


bo na Mizipa, kuko Labani yavuze, at’ Uhoraho yame ahagaze hagati ya twe nawe tumaze gutandukana.


Maz’ abagabisha bose b’ingabo, bo n’ingabo zabo, bumvise yuk’ umwami w’i Babuloni yashizeho Gedaliya kuganza igihugu, baza kuri Gedaliya i Misipa. Ni bo aba: Ishimayeli mwene Netaniya, na Yohanani mwene Kareya, na Seraya mwene Tanehumeti w’i Netofati, na Yezaniya umwana w’Umunyamayaka, bo n’ingabo zabo.


Maze ku musi ugira mirongwibiri na kane wo mur’ ukwo kwezi, Abisirayeli barakorana, barisonzesha bambaye amagunira, bīrengeje imikungugu ku mitwe.


Nuko Yeremiya aja kuri Gedaliya mwene Ahikamu i Mizipa, yibanira na we hagati mu bandi bantu bari barasigaye mu gihugu.


Ni mwumve ibi, yemwe baherezi, kandi mwumvirize namwe ab’ inzu ya Isirayeli, mutege amatwi yemwe ab’ inzu y’umwami, kuk’ urubanza ari mwebge rutsinze; kuko mwabereye i Misipa umutego, mukabera i Tabora ururiba rutezwe.


mukoranye abantu, mweze ikoraniro, mwegeranye abatāma, mukoranye abana n’abakiri kw ibere; umukwe n’asohoke mu nzu yiwe, n’umugeni n’ave mu nkinga.


Maz’ Abamoni bakoranira hamwe, basagaza i Gileyadi, Abisirayeli na bo barakorana, basagaza i Misipa.


Maz’ Abisirayeli bose baragenda, bava mu gihugu cose uhereye i Dani ugashitsa i Beri‐sheba, hamwe n’abo mu gihugu c’i Gileyadi, bakoranira i Misipa imbere y’Uhoraho, bahūje inama nk’umuntu umwe.


Bukeye Samweli akoraniriza abantu i Misipa imbere y’Uhoraho,


Mbeg’ ubu si mw igenya ry’ingano? None ngira nsabe Uhoraho arungike imvura irimw’ imituragaro; muca mumenya kandi mubone kw ibigabitanyo vyanyu ari vyinshi, ivyo mwagabitanije imbere y’Uhoraho, ko mwisabiye umwami.


Kandi nanje, ntibikanzeko ko noreka kubasengera, ngacumura k’Uhoraho, ariko nzokwama mbarangira inzira nziza itunganye.


Maze Samweli yābīra ibuye, arishinga hagati y’i Misipa n’i Sheni, aryita Ebenezeri, ati Kugeza n’ubu Uhoraho aradutabaye.


Kand’ uk’ umwaka utashe yama agīshanya imbu kuja i Beteli n’i Gilugali n’i Misipa, acīra Abisirayeli imanza mur’ iyo myanya yose;


Nukw Abisirayeli baca bakūraho za Bayali na Ashitaroti, basaba Uhoraho wenyene.


Arikw iryo jambo ribabaza Samweli, ko bavuze ngo n’abahe umwami wo kubacīra imanza; araheza asenga Uhoraho.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ