Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 7:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Maze Samweli abarira ab’ inzu y’Abisirayeli bose, ati Ni mwaba mugarutse k’Uhoraho n’ imitima yanyu yose, ni mukūreh’ ibigirwamana vy’abanyamahanga na Ashitaroti biri muri mwebge, muherereze imitima yanyu k’Uhoraho, abe ari we musaba wenyene, na we azobarokora, abakūre mu maboko y’Abafilisitiya.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 7:3
40 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Yakobo aca abarira abiwe n’ abari kumwe na we bose, ati Ni mukūreh’ ibigirwamana vy’abanyamahanga biri muri mwebge, mwihumanure, mwambare izindi mpuzu:


ngw Abitewe n’uko bāmutaye, bakaja gusenga Ashitoreti imanakazi y’Abasidoni, na Kemoshi imana y’Abanyamowabu, na Milikomu imana y’Abamoni; ntibagendere mu nzira ziwe, ngo bakore ivyo abona ko bibereye, bitondere amabgirizwa yiwe n’ivyagezwe vyiwe, nk’uko Dawidi se wa Salomo yagenza.


bakakugarukako n’imitima yabo yose n’ivyiyumviro vyabo vyose, bari mu gihugu c’abansi babo babafashe mpiri, bakagusenga batumbereye igihugu cabo, ico wahaye ba sekuruza, n’uyu murwa watoranije, n’iyi ngoro nubakiye izina ryawe;


ariko jewe Uhoraho Imana yanyu abe ari jewe mwubaha; nanje nzobarokora mbakūre mu maboko y’abansi banyu bose.


Kand’ igicaniro c’i Beteli, n’ igitabo catabishije Yerobowamu mwene Nebati yakwegeye Abisirayeli mu vyaha, ico gicaniro n’ico gitabo arabisangangura; aturira ibiti vyo mur’ ico gitabo, arabisyokora bihinduka ifu, aturira n’ igishushanyo ca Ashera.


None rero ni mugire umwete wo kurondeza Uhoraho Imana yanyu imitima yanyu yose n’ubugingo bganyu bgose. Muve hasi rero, mushireko mwubake urusengero rw’ Uhoraho Imana, kugira ngw isandugu y’isezerano ry’Uhoraho, n’ ibintu vyejejwe vy’Imana, muze mubizane, muvyinjize mur’ iyo ngoro izoba yubakiwe izina ry’ Uhoraho.


Kandi nawe, mwana wanje Salomo, ukwiye kumenya Imana ya so, uyisabane umutima utunganye kand’ ukunze; kuk’ Uhoraho asuzuma imitima yose, akamenya imigabo yose n’ivyiyumviro vyose. Ni wamurondera uzomubona, ariko ni wamuvako, azoguheba gushitsa ibihe vyose.


Mugabo harih’ ivyiza bimwe bikubonekako, kuko wakūye mu gihugu inkingi zāshingiwe Ashera, ugashira umutima ku kurondera Imana.


Mugabo ibitabo vyo ku mpinga z’imisozi vyo ntivyākūrwaho; kand’ abantu ntibāribgahereze imitima ku Mana ya ba sekuruza.


at’ Uhoraho, ari we munyabuntu, n’aharire umuntu wese ashize umutima ku kurondera Imana, ari we Uhoraho Imana ya ba sekuruza, nah’ atejejwe nk’ukw ivyagezwe vy’urusengero rwera biri.


Inama umutima wigeneye n’iy’ umuntu, Arikw ivyo ururimi rwishura biva k’Uhoraho.


umunyavyaha n’areke inzira yiwe, ūgabitanya areke ivyiyumviro vyiwe: agaruke k’Uhoraho, na we aramugirira ikigongwe, agaruke ku Mana yacu, kukw ikunda guharira.


Kandi nzobaha umutima wo kummenya yuko nd’ Uhoraho: bazoba abantu banje, nanje nzoba Imana yabo, kuko bazongarukanak’ umutima wabo wose.


Kumbure ab’ inzu ya Yuda bokwumva ivyago vyose nageneye kubatēza, bagahindukira, umuntu wese akava mu nzira yiwe mbi, kugira ngo mbone guharira ukugabitanya kwabo n’icaha cabo.


Namb’ ugomba guhindukira, ewe Isirayeli, ni jewe ukwiye guhindukirira, ni jewe Uhoraho mbivuze; kandi ni wakūrah’ ivyo ukora vy’ubuyobe mu nyonga zanje, nuko nawe ntuzokūrwaho;


Nuko rero barira inzu ya Isirayeli, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Ni mugaruke, mutere ibitugu ibigirwamana vyanyu, mukūre amaso yanyu ku bizira vyanyu vyose.


Ni mute kure ibicumuro vyanyu vyose mwacumuye, mwironkere umutima musha n’impwemu nsha: n’iki gituma mugomba gupfa, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli?


Ewe Isirayeli we, garuka k’Uhoraho Imana yawe; kuko wagwishijwe n’ibigabitanyo vyawe.


at’ Aba bantu banyubahisha iminwa yabo, Arikw imitima yabo iri kure yanje.


Buno Yesu aramubgira, ati Mvako, Satani, kuko vyanditswe, ng’ Uhoraho, Imana yawe, abe ari yo usenga, kand’ abe ari yo usaba yonyene.


Nta wusaba abami babiri: kuko yokwanka umwe, agakunda uwundi, canke yoguma kur’ umwe, akagaya wa wundi. Ntimushobora gusaba Imana n’Itunga.


Yesu aramwishura, ati Vyanditswe ng’ Usenge Uhoraho, Imana yawe, abe ari yo usaba yonyene.


Imana ni Mpwemu, kand’ abayisenga bakwiye kuyisenga mu mpwemu no mu kuri.


Mwubahe Uhoraho Imana yanyu, abe ari we musaba, mwifatanye na we akaramata, izina ryiwe ribe ari ryo murahira.


Ariko muze mugendanire Uhoraho Imana yanyu, mumwubahe, mwitondere ivyagezwe vyiwe, mumwumvire, abe ari we musaba, mwifatanye na we akaramata.


Arikw iyo ni mwaharonderera Uhoraho Imana yanyu, mukamurondeza imitima yanyu yose n’ubugingo bganyu bgose, muzomubona.


Muze mwubahe Uhoraho Imana yanyu, abe ari we musaba, izina ryiwe abe ari ryo murahira.


n’igihimba c’i Gileyadi, n’ahitwa Ashitaroti n’ahitwa Edireyi, yar’ imirwa ya Ogi umwami w’i Bashani; ivyo ni vyo vyatwaye aba Makiri mwene Manase; ni co ca gihimba c’Abamakiri, nk’ ukw amazu yabo ari.


None rero ni mwubahe Uhoraho, mumusabe mu vy’ukuri ata buryarya; mukūreho za mana ba sogokuruza bāsaba hakurya ya rwa ruzi no muri Egiputa, Uhoraho abe ari we musaba.


Yosuwa ati None rero ni mukūreh’ imana z’inyamahanga ziri muri mwebge, muhindurire imitima yanyu k’Uhoraho Imana y’ Abisirayeli.


Baraheza bakūraho izo mana z’inyamahanga, basubira gusaba Uhoraho, na we aca agira ikigumbagumba mu mutima kubgo kubona imibabaro y’Abisirayeli.


Maz’ Abisirayeli bongera gukora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, basaba za Bayali na za Ashitaroti, n’imana z’i Siriya n’iz’ i Sidoni n’iz’ i Mowabu n’iz’ Abamoni n’iz’ Abafilisitiya; bata Uhoraho, ntibaba bakimusaba.


Maz’ Abisirayeli bakora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, basaba za Bayali;


Uko ni ko bātaye Uhoraho, bagasaba Bayali na Ashitaroti.


Ibirwanishwa vyiwe babishira mu rusengero rwa Ashitaroti, umuvyimba wiwe bawēnētsa ku ruzitiro rw’amabuye rw’igisagara c’i Beti‐shani.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ