Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 7:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 agaheza agasubira i Rama, kukw ari ho urugo rwiwe rwari ruri, na ho nyene akahacīrira Abisirayeli imanza. Kandi yari yarahubakiye Uhoraho igicaniro.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 7:17
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yubakay’ igicaniro, acita El‐elohe‐Isirayeli.


Ahubaka igicaniro, yita aho hantu Eli‐beteli: kukw ari ho Imana yamwiyerekeye, igihe yahunga mukuru we.


baserutse hejuru ku kavōvo, barāye i Geba: ab’ i Rama bafashwe n’agatengo, ab’ i Gibeya ho kwa Sauli barahunze!


Yakunda kwicara musi y’ikigazi citwa ica Debora nyene, cari hagati y’i Rama na Beteli mu mugamba w’Abefurayimu; kand’ Abisirayeli bāma badūga baja kuri we ngw abacire imanza.


Nuko Gideyoni araheza ahubakira Uhoraho igicaniro, acita Yehova‐shalomu; kiracari ku musozi Ofura w’Ababiyezeri na bugingo n’ubu.


Hār’ umuntu w’i Ramatayimu‐sofimu, mu mugamba w’Abefurayimu, yitwa Elukana; yari mwene Yerohamu, Yerohamu wa Elihu, Elihu wa Tohu, Tohu wa Sufu, w’Umwefurayimu.


Bukeye barazinduka, baja imbere y’Uhoraho barasenga; bahejeje barataha, basubira i wabo i Rama. Maze Elukana arārira Hana umugore wiwe, Uhoraho aramwibuka.


Nukw abantu bose baja i Gilugali, bimikira Sauli imbere y’Uhoraho aho nyene i Gilugali, bahatangira ibimazi vy’ishimwe imbere y’Uhoraho: nuko Sauli n’Abisirayeli bose bahagirira akanyamuneza kenshi.


Maze Sauli yubakira Uhoraho igicaniro; kand’ ico gicaniro ni co ca mbere yubakiye Uhoraho.


Maze Samweli aja i Rama, Sauli na we aradūga, ataha i muhira i we i Gibeya.


Maze Elukana asubira i we i Rama. Arik’ uwo mwana akorera Uhoraho imbere ya Eli umuherezi.


Samweli yar’ amaze gupfa; Abisirayeli bose bari baramuririye, bamuhamba i Rama mu gisagara yabamwo. Kandi Sauli yari yarahoneje abahamagara imizimu n’ abamenyi mu gihugu.


Nukw abakuru b’Abisirayeli bose barakorana, baja i Rama kwa Samweli,


Barabishura, bat’ Ego me; nguyo ah’ imbere yanyu; ariko munyaruke: ni ho agishika mu gisagara, azanywe n’ukw abantu bagira batange ibimazi ku mpinga y’umusozi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ