16 Kand’ uk’ umwaka utashe yama agīshanya imbu kuja i Beteli n’i Gilugali n’i Misipa, acīra Abisirayeli imanza mur’ iyo myanya yose;
Aho hantu aca ahita Beteli, arik’ ubga mbere ico gisagara citwa Luzi.
Nuko Yakobo ashika i Luzi, ari ho Beteli, ho mu gihugu c’i Kanani, bo n’abantu bose bāri kumwe.
Igihe nashinze ni cashika, Nzoca imanza ziroranye.
Ni mwumve ibi, yemwe baherezi, kandi mwumvirize namwe ab’ inzu ya Isirayeli, mutege amatwi yemwe ab’ inzu y’umwami, kuk’ urubanza ari mwebge rutsinze; kuko mwabereye i Misipa umutego, mukabera i Tabora ururiba rutezwe.
ariko ntimukabarize i Beteli, canke ngo muje i Gilugali, canke ngo mushike i Beri‐sheba: kukw ab’i Gilugali bazokwambukanwa ar’ inyagano, n’i Beteli hazotītūka.
na Misipe na Kefira na Mosa,
Nukw Abisirayeli bagishagaje i Gilugali barya ivya Pasika ku musi ugira icumi na kane w’ukwo kwezi, ku mugoroba, bari mu kiyaya c’i Yeriko.
Uhoraho abarira Yosuwa, at’ Uyu musi mbakūyekw agakēngērwe Abanyegiputa bābakēngereye, ndagatembagaje. Ni co catumye aho hantu hitwa Gilugali na bugingo n’ubu.
Kandi yar’ afise abahungu mirongwitatu, bagendera ku ndogoba mirongwitatu nyene, kandi bari bafise ibisagara mirongwitatu vyitwa Havoti‐yayiri, kandi ni ko bicitwa na bugingo n’ubu; biri mu gihugu c’i Gileyadi.
Kandi yar’ afise abahungu mirongwine n’abuzukuru mirongwitatu, bāgendera ku ndogoba mirongwirindwi; amara imyaka munani acira imanza Abisirayeli.
Yemwe abagendera ku ndogoba z’ibihororo, Yemwe abīshānyāngira ku mikeka myiza, Yemwe abari ku nzira, ni muririmbe.
Bukeye Samweli akoraniriza abantu i Misipa imbere y’Uhoraho,
Maze Samweli abarira abantu, ati Ni muze tuje i Gilugali, dusubire dukomeze ivy’ ubgami.
Bukeye Samweli aravuga, at’ Abisirayeli bose ni mubakoranirize i Misipa, nanje nzobasengera k’ Uhoraho.