15 Imisi yose Samweli yamaze, yar’ umucamanza w’Abisirayeli.
Maz’ Uhoraho akabahagurukiriza abacamanza, bakabakiza bakabakūra mu maboko y’abābanyaga.
Maze Samweli abarira Abisirayeli bose, at’ Ehe rāba, nabakoreye ivyo mwansavye vyose, mbimikiye umwami wo kubaganza.
Maz’ Uhoraho arungika Yerubayali na Bedani na Yefuta nanje Samweli, arabarokora, abakūra mu maboko y’abansi banyu impande zose, mwībēra amahoro.
Maze Samweli apfuye, Abisirayeli bose bakoranira hamwe, baramuririra; bamuhamba i we i Rama. Hanyuma Dawidi ava hasi, aramanuka aja mu bugaragwa bg’i Parani.
Kand’ uk’ umwaka utashe yama agīshanya imbu kuja i Beteli n’i Gilugali n’i Misipa, acīra Abisirayeli imanza mur’ iyo myanya yose;
Nuko bakoranira i Misipa, bavoma amazi, bayavyagiza imbere y’Uhoraho; uwo musi barisonzesha, baravuga, bati Twaracumuye k’Uhoraho. Maze Samweli acīrira Abisirayeli imanza aho nyene i Misipa.