Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 7:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Kand’ ibisagara vy’ Abisirayeli vyari vyaranyazwe n’ Abafilisitiya barabisubizwa, uhereye i Ekuroni ugashitsa i Gati, mber’ Abisirayeli bakūra igihugu cabo mu bubasha bg’Abafilisitiya. Ariko hagati y’Abisirayeli n’Abamori ho hār’ impore.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 7:14
8 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Hanyuma y’ivyo Dawidi anesha Abafilisitiya, abamara igabo, atsinda i Gati n’ibisagara bihakūkira, arabibanyaga.


Kandi ntibāhonnya amahanga, Nk’uk’ Uhoraho yabageze.


Kand’ igihugu c’i Negebu kibamw’ Abamaleki, n’umugamba waho ubamw’ Abaheti n’Abayebusi n’Abamori; kand’ ahaherereye ku kiyaga haba Abanyakanani, bo n’ahaherereye kuri Yorodani.


Nuko muze murandure amahanga yose Uhoraho Imana yanyu azogabura mu maboko yanyu ata kagongwe; ntimuze musabe imana zabo, kukw ivyo vyobabera umutego.


kand’ Uhoraho Imana yanyu ni yamara kubagabura mu maboko yanyu, mukabatsinda, muze mubarandure. Ntimuze mugire isezerano musezerana na bo, canke ngo mubagirire akagongwe.


Nukw abo bami batanu b’Abamori, umwami w’i Yerusalemu n’uw’ i Heburoni n’uw’i Yaramuti n’uw’i Lakishi n’ uw’i Eguloni bakoranira hamwe, baradūga, bo n’ingabo zabo zose, basagaza inyuma y’i Gibeyoni, barahatera.


rugakomeza rugashika ku mucāmo wa Ekuroni ahahera i burārūko; rugakevya, rugaca i Shikeroni, rugashika ku musozi Bayala, rugakomeza gushitsa i Yabuneli, rukaruma ku kiyaga.


Ariko Sisera, uko yagahunze yiruka ku maguru, ashika kw ihema rya Yayeli muka Heberi w’Umunyakeni, kuko Yabina umwami w’i Hasori n’ab’ inzu ya Heberi Umunyakeni bari bafitaniye ubumwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ