Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 7:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Samweli akirikw arosa ico kimazi, Abafilisitiya bēgereza Abisirayeli ngo bashireko, barwane. Arik’ Uhoraho kuri nya musi nyene aturikira hejuru y’ Abafilisitiya guturagara guhāmbāye, abaca umuhongo; Abisirayeli ni kwo kubanesha.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 7:10
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ agataka ko musi y’amazi karaboneka, Amatanguriro y’isi aratwikururwa, Bitewe n’uguhana kwawe, Uhoraho, N’ugufūha kw’impwemu ziva mu mazuru yawe.


Ijwi ry’Uhoraho rihindira hejuru y’amazi: Imana y’icubahiro ihindisha inkuba, Ni we Uhoraho ahindishiriza inkuba hejuru y’amazi menshi.


Ijwi ry’Uhoraho rifise inkomezi; Ijwi ry’Uhoraho ryuzuye igitinyiro;


Ikubita abarwanizi bayo, ibasubiza inyuma, Ibahindura ruvumwa rudashira.


Aranyishura, ati Ngiri ijambo Uhoraho atumye kuri Zerubabeli, ati Si kubg’ inkomezi, si kubg’ ubushobozi, ariko ni kubga Mpwemu wanje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Uhoraho azotuma abansi banyu babakūriye hasi batsindirwa imbere yanyu: bazozanana inzira imwe babateye, babahunge baciye mu nzira ndwi.


Maz’ Uhoraho abaca umuhongo imbere y’Abisirayeli, babicira i Gibeyoni, barabahindikiranya, babakinagiza inzira yose idūga ija i Beti‐horoni, babica ingenda gushitsa i Azeka n’i Makeda.


Maz’ Uhoraho ashwiragiriza imbere ya Baraki imikogote yose ya Sisera n’ingabo ziwe zose, abatsindisha inkota; Sisera arataruka ava mu mukogote wiwe, ahunga yiruka ku maguru.


Inyenyeri zo kw ijuru ziratabara, Zirwanya Sisera zijanye inzira zazo.


Igihe bitoraniriza izindi mana, Intambara zaciye zishika ku marembo yabo. Nta nkinzo cank’ icumu vyari bikiboneka Mu Bisirayeli naho boba ibihumbi mirongwine.


Mbeg’ ubu si mw igenya ry’ingano? None ngira nsabe Uhoraho arungike imvura irimw’ imituragaro; muca mumenya kandi mubone kw ibigabitanyo vyanyu ari vyinshi, ivyo mwagabitanije imbere y’Uhoraho, ko mwisabiye umwami.


Maze haba gucika ivutu aho bashagaje n’inyuma yaho, mbere no mu ngabo zose; abo mu nsago na ba banyazi na bo bagwa mu gatengo; isi na yo iratigita, haba gucika ivutu gutewe n’Imana.


Abarwanya Uhoraho bazovunagurika, Azoturagara ari mw ijuru, abakankamire. Uhoraho azocira imanza abo ku mpera z’isi; Kand’ azoha inkomezi umwami wiwe, Ashire hejuru ihembe ry’uwo yimikishije amavuta.


Ingabo z’ Abisirayeli ziva i Misipa, bakinagiza Abafilisitiya babica ingenda kurinda bashika musi y’i Beti‐kari.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ