1 Samweli 6:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)9 Maze muyishinge ijisho: ni yajana inzira ija i Beti‐shemeshi mu gihugu cayo, izoba ar’ Imana yaduterereye ivyo vyago bikomeye; ariko bitabaye birtyo tuzomenya kw atar’ ukuboko kwayo kwatwishe, bizoba ar’ ivyago vy’ivyaduka vyapfuye kutuzako gusa. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Ndasubīra, nitegereza musi y’izuba, yuko mu gusiganwa, impayamaguru atari zo zisiga abandi, kandi mu ntambara kw abanyenkomezi atari bo batsinda, kandi n’abanyabgenge kw atari bo baronka indya, kand’ abakerebutse kw atari bo baronka itunga, kand’ abahanga kw atari bo batona; arikw ibihe n’ibiza ku muntu bipfa kubazako bose.