Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 6:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Maze muyishinge ijisho: ni yajana inzira ija i Beti‐shemeshi mu gihugu cayo, izoba ar’ Imana yaduterereye ivyo vyago bikomeye; ariko bitabaye birtyo tuzomenya kw atar’ ukuboko kwayo kwatwishe, bizoba ar’ ivyago vy’ivyaduka vyapfuye kutuzako gusa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 6:9
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nya muhungu amubikiye aramwishura, ati Nariko ndihitira, nshitse ku musozi Gilibowa, ngize ntya mbona Sauli yishimikije icumu, kandi mbona asugerejwe n’imikogote n’abagendera ku mafarasi.


na mwene Dekeri yatoza ivy’ i Makasi n’i Shalibimo n’i Beti‐shemeshi n’i Eloni‐beti‐hanani;


Nuko Yehowasi umwami w’Abisirayeli ni kwo kudūga, bahanganira na Amaziya umwami w’i Buyuda i Beti‐shemeshi h’i Buyuda nyene, bararumana.


Maze Farawo abonye ko habaye impore, yikomantaza umutima, ntiyabumvira, nk’uk’ Uhoraho yari yaravuze.


Ndasubīra, nitegereza musi y’izuba, yuko mu gusiganwa, impayamaguru atari zo zisiga abandi, kandi mu ntambara kw abanyenkomezi atari bo batsinda, kandi n’abanyabgenge kw atari bo baronka indya, kand’ abakerebutse kw atari bo baronka itunga, kand’ abahanga kw atari bo batona; arikw ibihe n’ibiza ku muntu bipfa kubazako bose.


Uhoraho, umanitse ukuboko, yamara ntibabibona; ariko bazobona umwete ugirira abantu, bamāramāre; mber’ umuriro uzorigata abansi bawe.


Cank’ inzamba yovugirizwa mu gisagara, abantu ntibakanguke? Canke har’ icago cotera igisagara, Uhoraho atakirekuye?


Hāriho n’umuherezi amanuka mur’ iyo nzira, amurengukako, amubonye aca i ruhande.


rugaheza rugakevya, rukava i Bayala, rukagenda rwerekeye i burengerazuba gushitsa ku musozi Seyiri; rugahita rugashika ku mucāmo uhera i burārūko w’umusozi Yeyarimu, ari wo Kesaloni, rukamanuka rugashika i Beti‐shemeshi, rugaca hafi y’i Timuna;


n’i Ayini n’i Yuta n’i Beti‐shemeshi, bo n’amaragiro bigendanye; vyar’ ibisagara cenda bivuye mur’ iyo miryango ibiri.


Nukw abo bantu babigenza bartyo; bābīra inka zibiri z’imvyeyi, baziboherak’ umukogote, izazo bazugaririra i muhira;


Izo nka zigenda zitumbereye i Beti‐shemeshi, zijana inzira y’iroro, zigenda zirābira inzira yose, ntizakebereza i buryo cank’ i bumoso; abaganwa b’Abafilisitiya baraziherekeza, bazishikana ku rubibe rw’i Beti‐shemeshi.


Barabishura, bati Ni mwarungika iyo sandugu y’Imana y’Abisirayeli, ntimuze muyirungike yonyene, ariko muyisubizanyeyo n’impongano muhongeye Imana: ni ho muzobona gukira, mumenye n’icatumye ukuboko kwayo kutabatenzukira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ