6 Har’ icotuma mukomantaza imitima nk’ukw Abanyegiputa na Farawo bagize? Mbeg’ imaze kwerekana ububasha muri bo, ntibāhavuye bakarekura abo bantu, bakīgīra?
N’inyabgenge mu mutima, n’inyabushobozi mu nkomezi: Ni nde yayikomantajek’ umutima, akaroranirwa?
Ntimukomantaze imitima yanyu, nk’uko mwayikomantarije i Meriba, No kuri wa musi w’i Masa mu bugaragwa,
Mose na Aroni baja kwa Farawo, baramubgira, bat’ Uku ni k’ Uhoraho, Imana y’Abaheburayo, agize, ng’ Uzogeza ryari kwanka kwicisha bugufi imbere yiwe? Ngo Reka abantu biwe, bagende bamusabe.
Nanje rāba, ndakomantaza imitima y’Abanyegiputa, na bo bahace, babakurikire; maze mbone kwihesha icubahiro kuri Farawo no ku ngabo ziwe zose, no ku mikogote yiwe, no ku bagendera ku mafarasi biwe.
Abanyegiputa na bo babakurikira hagati mu kiyaga babōmye inyuma, n’amafarasi ya Farawo yose, n’imikogote yiwe, n’abagendera ku mafarasi biwe.
Uhoraho abarira Mose, ati Ni wasubira muri Egiputa, ntuz’ ubure gukorera imbere ya Farawo ibitangaza vyose nguhaye gukora: mugabo nzokomantaza umutima wiwe, ntazorekura abantu ngo bagende.
Umutima wa Farawo urakomantara, ntiyabumvira, nk’uk’ Uhoraho yari yaravuze.
Uhoraho abarira Mose, at’ Umutima wa Farawo urakomeye, yanse kureka abo bantu ngo bagende.
Maze Farawo abonye ko habaye impore, yikomantaza umutima, ntiyabumvira, nk’uk’ Uhoraho yari yaravuze.
Ariko Farawo asubira kwikomantaza umutima ico gihe na co, ntiyarekura ubgo bgoko ngo bugende.
ut’ Ariko, icatumye aba arakuretse, n’ukugira ngo akwereke ubushobozi bgiwe, kandi ngw izina ryiwe ryāmāmare mw isi yose.
Maze Farawo abonye imvura n’ urubura n’imituragaro ko bishize, arushiriza gukora icaha, yikomantaza umutima, bo n’abantu biwe.
Ariko kuk’ ufise umutima ukomantaye utihana, wirindiriza uburake buzoba ku musi wo kuraka, ah’ amateka abereye y’Imana azohishurirwa,
Ariko muhanūrane uko bukeye bicitwa uyu musi, ntihagire uwo muri mwebge akomantazwa umutima n’uruhendo rw’icaha.