Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 6:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Barababaza, bati Mbega tuyihongere impongano ki? Bati Muyihongere ibisa n’ibihute bitanu mucuze mw izahabu, n’ ibisa n’imbeba bitanu mucuze mw izahabu nyene, nk’ukw igitigiri c’abaganwa b’Abafilisitiya kingana; kukw icago cabashitseko mwese ari kimwe n’icashitse ku baganwa banyu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 6:4
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abisirayeli bakora nk’uko Mose yavuze; basaba Abanyegiputa utugenegene tw’ifeza n’utw’ izahabu n’imyambaro:


uhēreye ku ruzi Shihori rurābana na Egiputa, gushitsa ku rubibe rw’i Ekuroni ahahera i burārūko, ahavugwa kw ar’ ah’ Abanyakanani: kand’ abaganwa batanu b’Abafilisitiya n’aba: uw’i Gaza, n’uw’i Ashidodi, n’uw’i Ashikeloni, n’uw’i Gati, n’uw’i Ekuroni; bo n’igihugu c’Abavimu,


Maze Mpwemu w’Uhoraho amuzako akābushungwe, aramanuka aja i Ashikeloni, yicayo abantu mirongwitatu, abakoba imyambaro yabo, aha bamwe bāpfīndūye ca gisōkōranyo imyambaro yo gukūranya. Araheza arīvumbura, adūga kwa se asuguriwe.


Hār’ abaganwa batanu b’Abafilisitiya, n’Abanyakanani bose, n’Abasidoni, n’Abahiwi bo ku musozi Lebanoni, uhereye ku musozi Bayali‐Herumoni ugashitsa ahafata i Hamati.


Abatāpfuye batērērwa ibihute; induru z’ico gisagara zishika mw ijuru.


Maz’ ukuboko kw’Uhoraho gushikamira Abanyashidodi n’abāhakūkira, arabageseza, abatērēra ibihute.


Bamaze kuyishikanayo, ukuboko kw’Uhoraho kurwanya ico gisagara, kubaca ivutu; atērēra ibihute abo mur’ ico gisagara, abato n’abakuru, bisēsa ku mibiri yabo.


Ni co gituma mukwiye kwicurishiriza ibishushanyo vy’ivyo bihute vyanyu, n’ibishushanyo vy’izo mbeba zabateye, zikonona igihugu; muteko mwubahe Imana y’Abisirayeli: kumbure yotenzura ukuboko kwayo, ikagukūra kuri mwebge no ku mana zanyu no ku gihugu canyu.


Maze mwābīre ya sandugu y’Uhoraho, muyigereke kur’ uwo mukogote; kand’ ivyo bishushanyo vy’izahabu murungitse vyo kumuhongera, mubishire mu gasandugu i ruhande yayo; muheze muyirungike, igende.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ