Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 6:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Barabishura, bati Ni mwarungika iyo sandugu y’Imana y’Abisirayeli, ntimuze muyirungike yonyene, ariko muyisubizanyeyo n’impongano muhongeye Imana: ni ho muzobona gukira, mumenye n’icatumye ukuboko kwayo kutabatenzukira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 6:3
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mbgire Imana, nti Ntuntsindishe: N’ummenyeshe igituma umbūranya.


muze mugire imisi mikuru y’ imitsima itambiwe: nk’uko nababariye, mumare imisi ndwi murya imitsima itambiwe, mu gihe cashinzwe co mu kwezi Abibu, kukw ari kwo mwaviriyemwo muri Egiputa: ntihaze hagire ūrenguka iminwe misa imbere yanje.


Kand’ icana c’indogoba c’uburiza muze mugicunguze umwagazi w’intama; na ho ni mutāgomba kugicungura, muze mukivune izosi; kand’ imfura yose y’umuhungu yo mu bana banyu muze muyicungure. Kandi ntihaze hagire ūza iminwe misa imbere yanje.


Maze Farawo abonye ko habaye impore, yikomantaza umutima, ntiyabumvira, nk’uk’ Uhoraho yari yaravuze.


anzanire ikimazi ciwe c’impongano y’icaha yakoze, c’inyana y’intama canke y’impene, ayikūye mu mukuku, ngw ibe ikimazi gitangirwa ivyaha; umuherezi azoba amuhongeye ku caha ciwe.


Anzanire ico kimazi ciwe c’impongano c’impfizi y’intama itagira agasembga, ikūwe mu mukuku, iz’ ibe iyimaze igiciro uzocira gikwiranye n’ikimazi c’impongano; agishire umuherezi.


Haze harenguke izinamuhungu wese imbere y’Uhoraho Imana yanyu gatatu‐gatatu mu mwaka, barenguke ha hantu azoba yātoranije. Baze mu misi mikuru y’imitsima itambiwe, no ku musi ukurikira ya masabato ndwi, no mu misi mikuru y’insāgo; ariko ntibaze barenguke imbere y’ Uhoraho iminwe misa.


Ni kwo gutuma ku baganwa bose b’Abafilisitiya, bakoraniraho, barababgira, bati Ni murungike iyi sandugu y’Imana y’Abisirayeli, isubire aho yahora, ireke kutumarana n’abacu; kuko mur’ ico gisagara cose urupfu rwari rwabaciye ivutu, kand’ ukuboko kw’Imana kwari kubashikamiye cane.


Abanyashidodi babonye bibaye birtyo baravugana, bat’ Isandugu y’Imana y’Abisirayeli ntikagume muri twebge, kuk’ ukuboko kwayo kudushikamiye, twe na Dagoni imana yacu.


Bamaze kuyishikanayo, ukuboko kw’Uhoraho kurwanya ico gisagara, kubaca ivutu; atērēra ibihute abo mur’ ico gisagara, abato n’abakuru, bisēsa ku mibiri yabo.


Maze mwābīre ya sandugu y’Uhoraho, muyigereke kur’ uwo mukogote; kand’ ivyo bishushanyo vy’izahabu murungitse vyo kumuhongera, mubishire mu gasandugu i ruhande yayo; muheze muyirungike, igende.


Maze muyishinge ijisho: ni yajana inzira ija i Beti‐shemeshi mu gihugu cayo, izoba ar’ Imana yaduterereye ivyo vyago bikomeye; ariko bitabaye birtyo tuzomenya kw atar’ ukuboko kwayo kwatwishe, bizoba ar’ ivyago vy’ivyaduka vyapfuye kutuzako gusa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ