Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 6:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Batuma intumwa ku baba i Kiriyati‐yeyarimu, mut’ Abafilisitiya bagarukanye isandugu y’Uhoraho; muti None ni mumanuke, muyidūgane ije i wanyu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 6:21
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Dawidi ahagurukana n’abo bantu bose bari kumwe na we, baja i Bayali‐yuda gukūray’ isandugu y’Imana yitirirwa rya Zina, ari ryo zina ry’Uhoraho Nyen’ ingabo yama avyagiye ku bakerubi.


Bituma iheba umugerēro w’i Shilo, Ni wo hema yashinze hagati y’abantu.


Kandi hāri n’uwundi yavugishwa mw izina ry’Uhoraho, ni Uriya mwene Shemaya w’i Kiriyati‐yeyarimu; uyo yavugishijwe n’ Imana ku bizoba kur’ iki gisagara no kur’ iki gihugu bihwanye n’amajambo yose ya Yeremiya.


Enda ni mugende ha hantu hanje i Shilo, aho natanguye gushira izina ryanje ngo rihabe, mwitegereze ivyo nahagiriye kubg’ ivyaha vy’abantu banje b’Abisirayeli.


nuko rero, nk’uko nagiriye i Shilo, ni ko nzogirira iyi ngoro yitirirwa izina ryanje, iyo mwizigira, ni ho hantu nabahaye, mwe na ba sogokuruza banyu.


Hāri na Kiriyati‐bayali (ari ho Kiriyati‐yeyarimu) na Raba: ibisagara bibiri bifise imihana ibikūkira.


Nuk’ urwo rubibe rukamanuka ku mpinga y’uwo musozi gushitsa kw iriba ry’i Nefutowa, rugahēraho rugashitsa mu bisagara vyo ku musozi Efuroni; rugakebānuka rugaca i Bayala, ari ho Kiriyati‐yeyarimu;


Urwo rubibe rugaheza rugakevya, rukagenda rubangikanye n’i burengerazuba rwerekeye i bumanuko, ruvuye kuri wa musozi uhera i bumanuko bg’i Beti‐horoni, rukagarukira i Kiriyati‐bayali, ari ho Kiriyati‐yeyarimu, igisagara c’ Abayuda; urwo ni rwo rwar’ urubibe rw’i burengerazuba.


Nukw Abisirayeli barahaguruka, bashika ku bisagara vyabo ku musi ugira gatatu. Ivyo bisagara vyari Gibeyoni na Kefira na Beroti na Kireyati‐yeyarimu.


baradūga, basagaza kuri Kiriyati‐yeyarimu i Buyuda. Ni co catumye aho hantu bahīta Mahane‐dani na bugingo n’ubu; hār’ ahahera i burengerazuba bg’i Kiriyati‐yeyarimu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ