20 Abo bantu b’i Beti‐shemeshi baravuga, bati Ni nde yoshobora guhagarara imbere y’Uhoraho, iyi Mana yera? Mbega none yodūga hehe, kugira ngw ituvemwo?
Maz’ uburake bg’Uhoraho buziriringira Uza, aca amutsinda aho nyene, amuhōye ico gicumuro, agwa ngah’ i ruhande y’isandugu y’ Imana.
Uwo musi Dawidi aca aterwa ubgoba n’Uhoraho; aravuga, ati Mbeg’ isandugu y’Uhoraho vyoshoboka bite kw iza i wanje?
Wewe, ni wewe nyene uteye ubgoba: Ni nde yoshobora guhagarara mu nyonga zawe umaze kuraka?
Kuko nd’ Uhoraho Imana yanyu: ni mwiyeze rero, mube abera, kuko nanje nd’ uwera; kandi ntimuze mwiyandurishe akanyonyera k’uburyo bgose kagendera hasi.
Kukw ari jewe Uhoraho nabadūganye mbakūye mu gihugu ca Egiputa, ngo mbe Imana yanyu: nuko rero mube abera, kuko nanje nd’ uwera.
Ariko ni nde azoshobora kwihanganira umusi w’ukuza kwiwe, kandi ni nde azoshobora guhagarara ah’ azoserukira? Kukw ameze nk’umuriro uvugutira ubutare, kandi nk’isabuni y’abamesuzi.
Ariko Simoni Petero abibonye yikubita imbere y’amavi ya Yesu, ati Va aho ndi, Mugenzi, kuko nd’ umunyavyaha.
Abantu bose bo mu gihugu c’Abageraseni gikikije aho baramwinginga ngw ave i wabo, kuko bāri batewe n’ubgoba bginshi. Atambukira mu bgato, asubira inyuma.
kuk’ umusi uhambaye w’uburake bgabo ushitse, kandi ni nde ashobora guhagarara?
Abanyashidodi babonye bibaye birtyo baravugana, bat’ Isandugu y’Imana y’Abisirayeli ntikagume muri twebge, kuk’ ukuboko kwayo kudushikamiye, twe na Dagoni imana yacu.