Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 6:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Bukeye Abafilisitiya bahamagara abaherezi n’abapfumu, barababaza, bat’ Iyi sandugu y’Uhoraho tuyigenze dute? Tuyirungikane n’iki, mu ko tuyisubiza ahantu hayo?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 6:2
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bukeye, ahagarika umutima, atuma guhamagaza abanyamareba bose bo muri Egiputa n’abanyabgenge baho bose: Farawo abarotorera inzozi ziwe: ariko ntihagira ūshobora kuzimusobanurira.


Farawo na we ahamagaza abanyabgenge n’abapfumu: abo ni bo banyamarēba bo muri Egiputa, na bo babigira bartyo, babikoresheje amarēba yabo.


Kukw abantu bawe, ari bo nzu ya Yakobo, wabahebeshejwe n’uko buzuyemw’ imigenzo ivuye i burasirazuba, bakaragura nk’Abafilisitiya, kandi bakifatanya n’abana b’abanyamahanga.


Umwami aca ahamagaza abanyamarēba n’abapfumu n’abarozi n’Abakaludaya, ngo bamubarire inzozi ziwe. Nuko bararenguka, bahagarara imbere y’umwami.


Umwami ahamagara n’ijwi rirenga ngo bamuzanire abapfumu n’Abakaludaya n’abamenyi. Umwami abarira abo banyabgenge b’i Babuloni, at’ Ūshobora gusoma iyo nyandiko, akambarira ukw isobanurwa, arambikwa impuzu z’inyambarabami, n’umugufu w’ izahabu mw izosi, kand’ azoba uwa gatatu mu bakuru baganza igihugu.


Akoranya abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe bose bo mur’ ubgo bgoko, arababaza, ati Kristo azovukira hehe?


Ni kwo gutuma ku baganwa b’Abafilisitiya bose, bakoraniraho barababaza, bati Mbeg’ isandugu y’Imana y’ Abisirayeli tuyigenze dute? Barabishura, bati Ni bayijane i Gati. Nuko bajanay’ iyo sandugu y’ Imana y’Abisirayeli.


Kand’ iyo sandugu y’Uhoraho yar’ imaze amezi ndwi mu gihugu c’Abafilisitiya.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ