Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 6:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Ibihute vyacuzwe mw izahabu Abafilisitiya bashikaniye Uhoraho kw impongano vyar’ ibi: kimwe car’ ic’i Ashidodi, ikindi car’ ic’i Gaza, ikindi car’ ic’i Ashikeloni, ikindi car’ ic’i Gati, ikindi car’ ic’i Ekuroni;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 6:17
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ntimukabikerutse i Gati, Ntimukabitāngāze mu nzira z’i Ashikeloni, Abakobga b’Abafilisitiya boye kunezerwa, Abakobga b’abantu b’intakebga boye gutera impundu.


Abo bose ukw ari bane bar’ abo mu Barefa b’i Gati; bicwa na Dawidi n’abantu biwe.


Umusi ur’ izina, Ahaziya akoroka aciye mu nshingo z’idirisha ryo mu cumba ciwe co hejuru, ah’ aba i Samariya, yenderamwo kurwara. Bukeye arungika intumwa, ati Ni mugende mundagurize Bayali‐zebubi, imana y’i Ekuroni, mumbarize ko nzokira iyi ndwara.


Bukeye aragenda atera Abafilisitiya, asangangura uruzitiro rw’i Gati n’urw’ i Yabune n’urw’ i Ashidodi; yubaka ibisagara mu ntāra y’i Ashidodi n’ahandi mu gihugu c’Abafilisitiya nyene.


bo n’amahanga yose y’ikivange, n’abami bose bo mu gihugu ca Uzi, n’abami bose bo mu gihugu c’i Bufilisitiya, n’i Ashikeloni n’i Gaza n’i Ekuroni, n’amasigarira yo muri Ashidodi,


Kandi ni yaba atoshobora kuronka umwana w’intama, anzanire ikimazi ciwe c’impongano y’icaha yakoze, c’intunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri: kimwe kize kibe ikimazi co gutangirwa ivyaha, ikindi kibe ikimazi co kwoswa.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’i Gaza, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko bajanye ihanga ryose ar’ inyagano, bakabashora ku Banyedomu:


Enda ni mugende, mushike i Kaline murābe; muvuyeyo muje i Hamati, ca gisagara gikomeye; muheze mumanuke muje i Gati mu Bafilisitiya: mbeg’ ivyo bisagara har’ ico birusha ino mur’ ubu bgami bgompi? Cank’ igihugu cabo kiruta icanyu mu bunini?


Uhoraho azobatērēra ibihute nk’ivyo yatērereye Abanyegiputa, no gusiduka amagara, n’urukemba n’ amahere, ivyo mutazoshobora kuvūrwa.


Abayuda banesha i Gaza n’impande zaho zose, na Ashikeloni n’impande zaho zose, na Ekuroni n’impande zaho zose.


Maze Mpwemu w’Uhoraho amuzako akābushungwe, aramanuka aja i Ashikeloni, yicayo abantu mirongwitatu, abakoba imyambaro yabo, aha bamwe bāpfīndūye ca gisōkōranyo imyambaro yo gukūranya. Araheza arīvumbura, adūga kwa se asuguriwe.


Maze Samusoni aja i Gaza, abonayo maraya, yinjira i we.


Maz’ Abafilisitiya baramufata, bamunogora amaso, bamumanukana i Gaza, bamufatisha iminyororo y’imiringa, bamugira umusyi mu nzu y’imbohe.


Abafilisitiya bafashe mpiri isandugu y’Imana, bayikūra i Ebenezeri bayijana i Ashidodi.


Nukw iyo sandugu y’Imana bayirungika i Ekuroni. Igiserukayo, Abanyekuroni bavuza induru, bati Batuzaniye ya sandugu y’Imana y’Abisirayeli ngw itumarane n’ abacu!


Ni kwo gutuma ku baganwa b’Abafilisitiya bose, bakoraniraho barababaza, bati Mbeg’ isandugu y’Imana y’ Abisirayeli tuyigenze dute? Barabishura, bati Ni bayijane i Gati. Nuko bajanay’ iyo sandugu y’ Imana y’Abisirayeli.


Barababaza, bati Mbega tuyihongere impongano ki? Bati Muyihongere ibisa n’ibihute bitanu mucuze mw izahabu, n’ ibisa n’imbeba bitanu mucuze mw izahabu nyene, nk’ukw igitigiri c’abaganwa b’Abafilisitiya kingana; kukw icago cabashitseko mwese ari kimwe n’icashitse ku baganwa banyu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ