Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 6:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Nuk’ uwo mukogote uraza, ushikira mu murima wa Yosuwa w’i Beti‐shemeshi, uhagararaho. Kand’ aho hantu hār’ ikibuye kinini. Baraheza basatagura uwo mukogote mw inkwi, bazitangirakw izo nka kw ikimazi co kwosereza Uhoraho.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 6:14
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uwo musi nyene Gadi aja kuri Dawidi, aramubarira, ati Dūga wubakire Uhoraho igicaniro ku mbuga ya Arawuna Umuyebusi.


Arawuna yishura Dawidi, ati Mwami wanje nyen’ ingoma, twara ivy’ ugomba vyose, ubitange: eh’ inka ngizo z’ikimazi co kwosa, n’ibisekuzo zikoresha n’ ingōgo zazo mubigire inkwi:


Maze Dawidi ahubakira Uhoraho igicaniro, ahosereza ibimazi, atanga n’ibimazi vy’ishimwe. Nuk’ Uhoraho abona guhangaza ico gihugu, ikīza kirabogozwa mu Bisirayeli.


Nukw areka kumukurikira, asubira inyuma, ahitana inka zibiri zisangiye ingōgo, arazibāga, atekesha inyama zazo ibiti vy’ingōgo zazo, agaburira abantu, bararya. Araheza ava hasi, akurikira Eliya, agenda aramukorera.


Igicaniro muzongirira, muze mukirundarunde mw ivu, abe ari ho mutangira ibimazi vyanyu vyo kwoswa n’ivy’ ishimwe, ar’ ivyo mu ntama zanyu canke mu nka: ahantu hose izina ryanje rizokwibukirwa nzohabasanga, mbahe umugisha.


Bukeye abantu bakoroka kare, bahubaka igicaniro, bahatangira ibimazi vyo kwoswa n’ivy’ ishimwe.


uheze unyubakire igicaniro kur’ iki gitandara, jewe Uhoraho Imana yawe, mu buryo bushinzwe, ujane ya mpfizi ya kabiri uyitange kw ikimazi co kwoswa, ucanirize inkwi za ya nkingi ya Ashera uzoba watemaguye.


Ako kanya Sauli araza yimirije inka zivuye kurima, arabaza, ati Habaye iki kw abantu barira? Bamubarira inkuru ab’i Yabeshi bazanye.


yarambgiye ngo ndamutabare ndamurekure, ngo Kukw i wabo mur’ ico gisagara bazotanga ikimazi, ngo Kandi mukuru we yamutumyeko; ngo Kandi ni naba ndamugiriye neza, ngo Ndamurekure, aje kubonana na bakuru be. Ico ni co camubujije kuza ku meza yawe, mwami.


Kand’ ab’i Beti‐shemeshi bāriko baragenya ingano mu kiyaya; bunamuye amaso babona isandugu iserutse: bayibonye baranezerwa.


bo n’imbeba zacuzwe mw izahabu nyene, zingana n’ibisagara vyose vy’Abafilisitiya biganzwa n’abo baganwa batanu, uhereye ku bisagara vyubakiwe inzitiro no ku dusagara tutubakiwe. Ca kibuye kinini bāterekakw isandugu y’Uhoraho, kiri mu murima wa Yosuwa w’i Beti‐shemeshi, ni co kibishingira intahe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ