10 Nukw abo bantu babigenza bartyo; bābīra inka zibiri z’imvyeyi, baziboherak’ umukogote, izazo bazugaririra i muhira;
Yakobo aramwishura, ati Databuja, urazi kw abana batagira intege, kandi kw imikuku n’amasho mfise vyonsa: bobishorera ihutihuti, naho woba umusi umwe gusa, vyopfa vyose.
Hanyuma ku bugira indwi, aravuga, at’ Ehe mbonye agacu gatoya kangana ikiganza c’umuntu, kadūga kava mu kiyaga. Eliya aramubarira, ati Genda ubarire Ahabu, uti Zirikisha umukogote wawe ku mafarasi, umanuke, ut’ Imvura ntikubuze.
baraheza bashira iyo sandugu y’Uhoraho kur’ uwo mukogote, bashirako na ka gasandugu karimw’ izo mbeba zacuzwe mw izahabu na vya bishushanyo vy’ibihute vyabo.
Maze muyishinge ijisho: ni yajana inzira ija i Beti‐shemeshi mu gihugu cayo, izoba ar’ Imana yaduterereye ivyo vyago bikomeye; ariko bitabaye birtyo tuzomenya kw atar’ ukuboko kwayo kwatwishe, bizoba ar’ ivyago vy’ivyaduka vyapfuye kutuzako gusa.