9 Bamaze kuyishikanayo, ukuboko kw’Uhoraho kurwanya ico gisagara, kubaca ivutu; atērēra ibihute abo mur’ ico gisagara, abato n’abakuru, bisēsa ku mibiri yabo.
Ikubita abarwanizi bayo, ibasubiza inyuma, Ibahindura ruvumwa rudashira.
Erega ni nk’ah’ umuntu yohunga intambge agahūra n’idubu, canke yokwinjira mu nzu agashinga ukuboko ku rusika, inzoka ikamukomora.
Mber’ Uhoraho yagenda ababanguriye ukuboko, ngw abarandure abakūre muri twebge aho dushagaje, gushitsa aho bakunkumukiye.
Ariko ni mutumvira Uhoraho, mugaca mu vyagezwe vyiwe, ukuboko kw’ Uhoraho kuzobarwanya, nk’uko kwarwanije ba sogokuruza.
Nukw iyo sandugu y’Imana bayirungika i Ekuroni. Igiserukayo, Abanyekuroni bavuza induru, bati Batuzaniye ya sandugu y’Imana y’Abisirayeli ngw itumarane n’ abacu!
Ni kwo gutuma ku baganwa bose b’Abafilisitiya, bakoraniraho, barababgira, bati Ni murungike iyi sandugu y’Imana y’Abisirayeli, isubire aho yahora, ireke kutumarana n’abacu; kuko mur’ ico gisagara cose urupfu rwari rwabaciye ivutu, kand’ ukuboko kw’Imana kwari kubashikamiye cane.
Maz’ ukuboko kw’Uhoraho gushikamira Abanyashidodi n’abāhakūkira, arabageseza, abatērēra ibihute.
baraheza bashira iyo sandugu y’Uhoraho kur’ uwo mukogote, bashirako na ka gasandugu karimw’ izo mbeba zacuzwe mw izahabu na vya bishushanyo vy’ibihute vyabo.
Uko ni kw Abafilisitiya bātsinzwe, ntibasubira kurenga urubibe rw’Abisirayeli; mbere mu gihe ca Samweli cose ukuboko kw’Uhoraho kwama gushikamiye Abafilisitiya.