Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 5:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Ni kwo gutuma ku baganwa b’Abafilisitiya bose, bakoraniraho barababaza, bati Mbeg’ isandugu y’Imana y’ Abisirayeli tuyigenze dute? Barabishura, bati Ni bayijane i Gati. Nuko bajanay’ iyo sandugu y’ Imana y’Abisirayeli.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 5:8
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

uwa Tahati ni Zabadi, uwa Zabadi ni Shutela. Efurayimu avyara na Ezeri na Eleyada; bicwa n’Abanyegati bāvukiye mur’ ico gihugu, kuko bāri bāramanukanywe no kunyaga inka zabo.


Enda ni mugende, mushike i Kaline murābe; muvuyeyo muje i Hamati, ca gisagara gikomeye; muheze mumanuke muje i Gati mu Bafilisitiya: mbeg’ ivyo bisagara har’ ico birusha ino mur’ ubu bgami bgompi? Cank’ igihugu cabo kiruta icanyu mu bunini?


Uwo musi nzohindura Yerusalemu ibuye riremēra amahanga yose, abazoryikorera bose bazokomereka bibi; kand’ amahanga yose yo mw isi azokoranywa no kuharwanya.


uhēreye ku ruzi Shihori rurābana na Egiputa, gushitsa ku rubibe rw’i Ekuroni ahahera i burārūko, ahavugwa kw ar’ ah’ Abanyakanani: kand’ abaganwa batanu b’Abafilisitiya n’aba: uw’i Gaza, n’uw’i Ashidodi, n’uw’i Ashikeloni, n’uw’i Gati, n’uw’i Ekuroni; bo n’igihugu c’Abavimu,


rugakomeza rugashika ku mucāmo wa Ekuroni ahahera i burārūko; rugakevya, rugaca i Shikeroni, rugashika ku musozi Bayala, rugakomeza gushitsa i Yabuneli, rukaruma ku kiyaga.


Bukeye mu nsago z’Abafilisitiya havamw’ umuhizi yitwa Goliyati w’i Gati; uburebure bgiwe bgar’ amatambge atandatu y’ukuboko uciriye mu nkokora n’itambge rimwe ry’intoke.


Maz’ ingabo z’Abisirayeli n’iz’ Abayuda zikūra hasi, zishira urwamo hejuru, zikinagiza Abafilisitiya zibashitsa i Gati no ku marembo y’i Ekuroni: Abafilisitiya bagenda barahindikirana bakomeretse ku nzira ija i Sharayimu, kurinda bashika i Gati n’i Ekuroni.


Nuko Akishi ahamagaza Dawidi, aramubarira, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, warabaye umwizigirwa, kandi kubganje nta cokubujije ko wotabaranye nanje mu rugamba, tugatabarukana; kuk’ uhereye igihe waziye i wanje, nta kibi nakubonyeko gushitsa n’ubu; ariko rer’ abaganwa ntibagushima.


Ni kwo gutuma ku baganwa bose b’Abafilisitiya, bakoraniraho, barababgira, bati Ni murungike iyi sandugu y’Imana y’Abisirayeli, isubire aho yahora, ireke kutumarana n’abacu; kuko mur’ ico gisagara cose urupfu rwari rwabaciye ivutu, kand’ ukuboko kw’Imana kwari kubashikamiye cane.


Abanyashidodi babonye bibaye birtyo baravugana, bat’ Isandugu y’Imana y’Abisirayeli ntikagume muri twebge, kuk’ ukuboko kwayo kudushikamiye, twe na Dagoni imana yacu.


Bukeye Abafilisitiya bahamagara abaherezi n’abapfumu, barababaza, bat’ Iyi sandugu y’Uhoraho tuyigenze dute? Tuyirungikane n’iki, mu ko tuyisubiza ahantu hayo?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ