Farawo aca ahamagaza Mose na Aroni, arababgira, ati Ni munyingingire Uhoraho, ankize ibi bikere, abikūre no mu bantu banje, nanje mpeze ndekure abantu biwe bagende, baje gushikanira Uhoraho ibimazi.
Uhoraho Nyen’ ingabo, ni we Mana y’Abisirayeli, aravuga, ati Nzohana Amona ikigirwamana c’ ahitwa No, na Farawo na Egiputa n’imana zaho n’abami baho; mbere Farawo nzomuhanana n’abamwizigira.
Ni kwo gutuma ku baganwa b’Abafilisitiya bose, bakoraniraho barababaza, bati Mbeg’ isandugu y’Imana y’ Abisirayeli tuyigenze dute? Barabishura, bati Ni bayijane i Gati. Nuko bajanay’ iyo sandugu y’ Imana y’Abisirayeli.