Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 5:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Maz’ ukuboko kw’Uhoraho gushikamira Abanyashidodi n’abāhakūkira, arabageseza, abatērēra ibihute.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 5:6
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

ubgo burumbuke ntibuzoba bucibukwa, kubg’ ikigoyi kibukurikiye: kuko kizoba ari cinshi cane.


Mbega ntiyoba ubugesera bubīkirwa umugabitanyi, N’ivyago bibīkirwa inkozi z’ ibibi?


Uhoraho azigama abamukunda bose; Arikw abanyakibi bose azobahonnya.


Uhoraho aramira abaciye bugufi: Acisha abanyakibi bugufi, akabashitsa hasi.


Kuk’ ukuboko kwawe kwandemēra ku murango no mw ijoro, Ukubengagira kwanje kugahinduka nk’ukwuma kwo mu ci. Sela.


Ikubita abarwanizi bayo, ibasubiza inyuma, Ibahindura ruvumwa rudashira.


eh’ ukuboko kw’ Uhoraho guhanamiye ivyo utunze bigandagaje ku misozi: ku mafarasi, no ku ndogoba, no ku ngamiya, no ku nka, no ku mikuku: akaryama k’icago kazobitera.


Nuko rāba, ukuboko kw’Umwami Imana kuraguhanamiye, ugira uhume, umare imisi utabona izuba. Ako kanya igipfungu n’umwiza bimwubikizako, agenda azimagirika arondera uwo kumufata ukuboko.


Uhoraho azobatērēra ibihute nk’ivyo yatērereye Abanyegiputa, no gusiduka amagara, n’urukemba n’ amahere, ivyo mutazoshobora kuvūrwa.


Ni kwo gutuma ku baganwa bose b’Abafilisitiya, bakoraniraho, barababgira, bati Ni murungike iyi sandugu y’Imana y’Abisirayeli, isubire aho yahora, ireke kutumarana n’abacu; kuko mur’ ico gisagara cose urupfu rwari rwabaciye ivutu, kand’ ukuboko kw’Imana kwari kubashikamiye cane.


Abanyashidodi babonye bibaye birtyo baravugana, bat’ Isandugu y’Imana y’Abisirayeli ntikagume muri twebge, kuk’ ukuboko kwayo kudushikamiye, twe na Dagoni imana yacu.


Bamaze kuyishikanayo, ukuboko kw’Uhoraho kurwanya ico gisagara, kubaca ivutu; atērēra ibihute abo mur’ ico gisagara, abato n’abakuru, bisēsa ku mibiri yabo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ