Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 5:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Bukeye bgaho, mu mavyuka ya kare nyene, basanga Dagoni yongeye gutemba yubamye imbere y’isandugu y’Uhoraho, kand’ umutwe n’ibikonjo vyayo vyahimbaguritse vyayivuyeko, bitembagara mu rwinjiriro; hari hasigaye umutumba wayo gusa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 5:4
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ivyo ni vyo bizotuma ukugabitanya kwa Yakobo kuzokwozwa, kumuveko; kand’ imbuto zose zizova mu gukūrwakw icaha ciwe n’izi: n’ukw azohindura amabuye yose y’igicaniro nk’ingwa y’amabuye ihondaguwe, kugira ngw inkingi zari zarashingiwe Ashera n’iz’ izuba ntizize zishingwe ukundi.


Ūbaye mworo, atoshoboye ishikanwa ringana rirtyo, yironkera igiti kitazobora, maz’ akironderera umukozi w’umuhinga wo guhagarika ico kigirwamana, ngo kigume.


Uk’ ukwiye kubabgira n’uku: ut’ Imana zitāremye ijuru n’isi, izo ni zo zizoherengetezwa mw isi no musi y’ijuru.


Non’ umuntu wese kw ar’ ikiyingiyingi ata bgenge agira! Umucuzi w’izahabu wese azotēterezwa n’igishushanyo ciwe yasaruye, kukw igishushanyo ciwe yavugutiye mu nkero ar’ ic’ ibinyoma, kandi nta mpwemu ziba muri vyo.


N’ivy’ ubusa gusa, n’igikorwa c’uruhendo; igihe cabo co kūzirwa bizoherengetezwa.


Mubitāngāze mu mahanga, muvyamamaze, mushinge ibendera; muvyamamaze, ntimubihishe, mut’ I Babuloni haratsinzwe, ikigirwamana Beli kiratēterewe, Merodaki kiravunaguritse; ibishushanyo vyaho biratēterewe, ibigirwamana vyaho biravunaguritse.


kand’ ibigirwamana vyabo na vyo, n’ibishushanyo vyavugutiwe, n’ibintu vyabo vyiza‐vyiza vy’imbombovu vy’ifeza n’ivy’ izahabu, azobinyaga abijane muri Egiputa; maz’ azomara imyaka aretse umwami w’i burārūko.


Ibishushanyo vyaho vyose bibajwe bizojanjagurwa bicike ubunywenywe, n’impēra zaho zose z’ivy’ isoni nke zizoturirwa n’umuriro, kand’ ibigirwamana vyaho vyose nzobihonnya; kuko habirundanije ar’ impēra z’ubumaraya, kandi bizosubira kuba impēra nyene za maraya wundi.


Ni co gituma mukwiye kwicurishiriza ibishushanyo vy’ivyo bihute vyanyu, n’ibishushanyo vy’izo mbeba zabateye, zikonona igihugu; muteko mwubahe Imana y’Abisirayeli: kumbure yotenzura ukuboko kwayo, ikagukūra kuri mwebge no ku mana zanyu no ku gihugu canyu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ