Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 5:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Bukeye mu mavyuka ya kare Abanyashidodi basanga Dagoni yatemvye yubamye imbere y’isandugu y’Uhoraho; barayegura, bayisubiza ahantu hayo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 5:3
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko bābīra imasa bahawe, barayibāga, maze batakambira izina rya Bayali, uhereye mu gitondo ugashitsa mu mashōka, bavuga, bat’ Ewe Bayali, n’utwumvire! Ariko ntihagira ijwi ryumvikana cank’ ikibishura na mba. Basimbagurika bicumbagiza hirya no hino y’igicaniro bubatse.


Bifise intoke, nta co bikorakora, Bifise ibirenge, ntibigenda, Kandi ntibivugisha imihogo yavyo.


Abasenga ibishushanyo bibājwe, Bakirata ivy’ ubusa, ni bamāramāre: Ibigirwamana vyose biramwunamira.


Kuko mur’ iryo joro nyene nzoca mu gihugu ca Egiputa, nkica abana bose b’ imfura bo mu gihugu ca Egiputa, uhereye ku muntu no ku gitunzwe; kand’ imana z’Abanyegiputa zose, amatēka nziciriyeko zose nzoyashitsa: nd’ Uhoraho.


Imbūri yo kuri Egiputa. Rāba Uhoraho areruwe n’ igicu cihuta, aja muri Egiputa; ibigirwamana vyo muri Egiputa bizohindira agashitsi imbere yiwe, umutima wa Egiputa uzoyagira mu nda.


Ūbaye mworo, atoshoboye ishikanwa ringana rirtyo, yironkera igiti kitazobora, maz’ akironderera umukozi w’umuhinga wo guhagarika ico kigirwamana, ngo kigume.


Nuk’ umuhinga aremesha umucuzi w’izahabu, ūryohoza inyundo akaremesha ūcurira kw ibuye, akavuga, at’ Ivyuma twabiteranije neza; maz’ akagikomeresha imisumari ngo kigume.


Maze bakayishira ku bitugu bakayirerura, bakayishinga mu kibanza cayo, igahagararaho ntisegenye; mbere nah’ umuntu yoyitakambira, ntiyoshobora kumwishura, canke ngw imukize amagorwa yiwe.


Ariko bose uko bangana n’ibiyingiyingi n’ibipfu; ukwigisha kw’igishushanyo guhwanye n’igiti buti.


Uhoraho azobabera agaterabgoba: kukw azocobogoza ibigirwamana vyose vyo kw isi; maz’ abantu bazomwunamira, umuntu wese ah’ ari, mbere n’ibizinga vyose vyo mu kiyaga vy’abanyamahanga.


Impwemu zihumanye na zo uko zimubonye zamwikubita imbere, zigasemerera zit’ Ur’ Umwana w’Imana.


Kand’ iyo sandugu y’Uhoraho yar’ imaze amezi ndwi mu gihugu c’Abafilisitiya.


Ni co gituma mukwiye kwicurishiriza ibishushanyo vy’ivyo bihute vyanyu, n’ibishushanyo vy’izo mbeba zabateye, zikonona igihugu; muteko mwubahe Imana y’Abisirayeli: kumbure yotenzura ukuboko kwayo, ikagukūra kuri mwebge no ku mana zanyu no ku gihugu canyu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ