12 Abatāpfuye batērērwa ibihute; induru z’ico gisagara zishika mw ijuru.
Maz’ ūzokira inkota ya Hazayeli, Yehu azomwica; ūzokira iya Yehu, Elisa azomwica.
Mur’ iryo joro Farawo ararandamuka, n’ abanyarugo biwe bose, n’Abanyegiputa bose: muri Egiputa hacura umuborogo mwinshi, kukw ata nzu n’imwe itapfuyemw’ umuntu.
I Buyuda haraboroga, amarembo yaho arihebuye, bicara hasi biraburaniwe; gutaka kw’i Yerusalemu kugiye hejuru.
Muboroge, mwa bungere, murire; mwitembagaze mu minyota, yemwe ba kizigenza mu mukuku: kukw igihe co kubāgwa kwanyu gishitse rwose; nzobasāvya, mukoroke nk’ikarabo riteye igomwe.
Ijwi ry’amaborogo rituruka i Horonayimu: har’ ukunyaga n’ ugutikiza gukomeye.
Erega ni nk’ah’ umuntu yohunga intambge agahūra n’idubu, canke yokwinjira mu nzu agashinga ukuboko ku rusika, inzoka ikamukomora.
Kand’ iyo sandugu y’Uhoraho yar’ imaze amezi ndwi mu gihugu c’Abafilisitiya.
at’ Ejo nka magingo aya nzokurungikira umuntu avuye mu gihugu c’Ababenyamini; uz’ umwimikishe amavuta, abe umwami w’abantu banje Abisirayeli. Ni we azokiza abantu banje, abakūre mu maboko y’Abafilisitiya; kuko nitegereje abantu banje, kand’ ugutaka kwabo kwanshitseko.