Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 5:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Ni kwo gutuma ku baganwa bose b’Abafilisitiya, bakoraniraho, barababgira, bati Ni murungike iyi sandugu y’Imana y’Abisirayeli, isubire aho yahora, ireke kutumarana n’abacu; kuko mur’ ico gisagara cose urupfu rwari rwabaciye ivutu, kand’ ukuboko kw’Imana kwari kubashikamiye cane.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 5:11
7 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ abantu ba Farawo baramubaza, bati Mbeg’ uriya azogeza ryari kutubera icago? Reka abo bantu bagende, baje gusaba Uhoraho Imana yabo: aho nturabona ko Egiputa hapfuye?


Nukw iyo sandugu y’Imana bayirungika i Ekuroni. Igiserukayo, Abanyekuroni bavuza induru, bati Batuzaniye ya sandugu y’Imana y’Abisirayeli ngw itumarane n’ abacu!


Maz’ ukuboko kw’Uhoraho gushikamira Abanyashidodi n’abāhakūkira, arabageseza, abatērēra ibihute.


Ni co gituma mukwiye kwicurishiriza ibishushanyo vy’ivyo bihute vyanyu, n’ibishushanyo vy’izo mbeba zabateye, zikonona igihugu; muteko mwubahe Imana y’Abisirayeli: kumbure yotenzura ukuboko kwayo, ikagukūra kuri mwebge no ku mana zanyu no ku gihugu canyu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ