Umusi ur’ izina, Ahaziya akoroka aciye mu nshingo z’idirisha ryo mu cumba ciwe co hejuru, ah’ aba i Samariya, yenderamwo kurwara. Bukeye arungika intumwa, ati Ni mugende mundagurize Bayali‐zebubi, imana y’i Ekuroni, mumbarize ko nzokira iyi ndwara.
uwa Tahati ni Zabadi, uwa Zabadi ni Shutela. Efurayimu avyara na Ezeri na Eleyada; bicwa n’Abanyegati bāvukiye mur’ ico gihugu, kuko bāri bāramanukanywe no kunyaga inka zabo.
Enda ni mugende, mushike i Kaline murābe; muvuyeyo muje i Hamati, ca gisagara gikomeye; muheze mumanuke muje i Gati mu Bafilisitiya: mbeg’ ivyo bisagara har’ ico birusha ino mur’ ubu bgami bgompi? Cank’ igihugu cabo kiruta icanyu mu bunini?
rugakomeza rugashika ku mucāmo wa Ekuroni ahahera i burārūko; rugakevya, rugaca i Shikeroni, rugashika ku musozi Bayala, rugakomeza gushitsa i Yabuneli, rukaruma ku kiyaga.
Maz’ ingabo z’Abisirayeli n’iz’ Abayuda zikūra hasi, zishira urwamo hejuru, zikinagiza Abafilisitiya zibashitsa i Gati no ku marembo y’i Ekuroni: Abafilisitiya bagenda barahindikirana bakomeretse ku nzira ija i Sharayimu, kurinda bashika i Gati n’i Ekuroni.