Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 5:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Nukw iyo sandugu y’Imana bayirungika i Ekuroni. Igiserukayo, Abanyekuroni bavuza induru, bati Batuzaniye ya sandugu y’Imana y’Abisirayeli ngw itumarane n’ abacu!

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 5:10
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

uti Kandi yagendana nawe aho waja hose, ut’ Arandura abansi bawe bose imbere yawe; uti Kand’ azoguha izina rya rurangiranwa, nk’ukw abandi bahambaye bo mw isi bayafise.


Umusi ur’ izina, Ahaziya akoroka aciye mu nshingo z’idirisha ryo mu cumba ciwe co hejuru, ah’ aba i Samariya, yenderamwo kurwara. Bukeye arungika intumwa, ati Ni mugende mundagurize Bayali‐zebubi, imana y’i Ekuroni, mumbarize ko nzokira iyi ndwara.


uwa Tahati ni Zabadi, uwa Zabadi ni Shutela. Efurayimu avyara na Ezeri na Eleyada; bicwa n’Abanyegati bāvukiye mur’ ico gihugu, kuko bāri bāramanukanywe no kunyaga inka zabo.


kandi nzohenebereza ababa muri Ashidodi, bo n’uwitwaje icumu ry’ubugabe muri Ashikeloni; kandi nzotuma ukuboko kwanje ntere Ekuroni, maz’ amasigarira y’Abafilisitiya azohona, ni k’Umwami Uhoraho agize.


Enda ni mugende, mushike i Kaline murābe; muvuyeyo muje i Hamati, ca gisagara gikomeye; muheze mumanuke muje i Gati mu Bafilisitiya: mbeg’ ivyo bisagara har’ ico birusha ino mur’ ubu bgami bgompi? Cank’ igihugu cabo kiruta icanyu mu bunini?


uhēreye ku ruzi Shihori rurābana na Egiputa, gushitsa ku rubibe rw’i Ekuroni ahahera i burārūko, ahavugwa kw ar’ ah’ Abanyakanani: kand’ abaganwa batanu b’Abafilisitiya n’aba: uw’i Gaza, n’uw’i Ashidodi, n’uw’i Ashikeloni, n’uw’i Gati, n’uw’i Ekuroni; bo n’igihugu c’Abavimu,


rugakomeza rugashika ku mucāmo wa Ekuroni ahahera i burārūko; rugakevya, rugaca i Shikeroni, rugashika ku musozi Bayala, rugakomeza gushitsa i Yabuneli, rukaruma ku kiyaga.


Hāri na Ekuroni bo n’udusagara n’imihana bihakūkira,


Abayuda banesha i Gaza n’impande zaho zose, na Ashikeloni n’impande zaho zose, na Ekuroni n’impande zaho zose.


Maz’ ingabo z’Abisirayeli n’iz’ Abayuda zikūra hasi, zishira urwamo hejuru, zikinagiza Abafilisitiya zibashitsa i Gati no ku marembo y’i Ekuroni: Abafilisitiya bagenda barahindikirana bakomeretse ku nzira ija i Sharayimu, kurinda bashika i Gati n’i Ekuroni.


Ni kwo gutuma ku baganwa bose b’Abafilisitiya, bakoraniraho, barababgira, bati Ni murungike iyi sandugu y’Imana y’Abisirayeli, isubire aho yahora, ireke kutumarana n’abacu; kuko mur’ ico gisagara cose urupfu rwari rwabaciye ivutu, kand’ ukuboko kw’Imana kwari kubashikamiye cane.


Bamaze kuyishikanayo, ukuboko kw’Uhoraho kurwanya ico gisagara, kubaca ivutu; atērēra ibihute abo mur’ ico gisagara, abato n’abakuru, bisēsa ku mibiri yabo.


Kand’ iyo sandugu y’Uhoraho yar’ imaze amezi ndwi mu gihugu c’Abafilisitiya.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ