1 Abafilisitiya bafashe mpiri isandugu y’Imana, bayikūra i Ebenezeri bayijana i Ashidodi.
Itanga icubahiro cayo ngo kijanwe kw inyagano, N’ubgiza bgayo ngo buje mu maboko y’umurwanizi.
Umwaka Taritani yatereyemw’ ahitwa Ashidodi, agomowe na Sarigoni umwami w’i Ashuri, akaharwanya akahatsinda,
Ni mwāmāmaze ibi mu ngoro zo muri Ashidodi, no mu ngoro zo mu gihugu ca Egiputa, muti Ni mukoranire ku misozi y’i Samariya, murābe imivurungano iriyo ukw ingana, n’ukuntu huzuye agahahazo!
Ariko Filipo abonekera muri Azoto, ahahita avuga ubutumwa bgiza mu bisagara vyose, kugeza aho yashikiye i Kayisariya.
Ntihagira n’umwe wo mu Banaki asigara mu gihugu c’Abisirayeli, atari bamwe‐bamwe basigaye i Gaza n’i Gati n’i Ashidodi.
uhēreye ku ruzi Shihori rurābana na Egiputa, gushitsa ku rubibe rw’i Ekuroni ahahera i burārūko, ahavugwa kw ar’ ah’ Abanyakanani: kand’ abaganwa batanu b’Abafilisitiya n’aba: uw’i Gaza, n’uw’i Ashidodi, n’uw’i Ashikeloni, n’uw’i Gati, n’uw’i Ekuroni; bo n’igihugu c’Abavimu,
Bukeye Abisirayeli batera Abafilisitiya, basagaza ahabangikanye n’i Ebenezeri; Abafilisitiya na bo basagaza kuri Afeka.
Kand’ isandugu y’ Imana ifatwa mpiri; na bene Eli bompi, Hofuni na Finehasi baricwa.
Aravuga, at’ Icubahiro kirashize mu Bisirayeli, kukw isandugu y’Imana ifashwe mpiri.
Kand’ iyo sandugu y’Uhoraho yar’ imaze amezi ndwi mu gihugu c’Abafilisitiya.
Maze Samweli yābīra ibuye, arishinga hagati y’i Misipa n’i Sheni, aryita Ebenezeri, ati Kugeza n’ubu Uhoraho aradutabaye.