Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 4:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Maz’ ingabo zishitse mu nsago, abakuru bo mu Bisirayeli barabazanya, bati N’iki gitumye Uhoraho yemera ko tuneshwa uyu musi n’Abafilisitiya? Enda ni muze tuje kuzana isandugu y’isezerano ry’Uhoraho tuyikūre i Shilo, tuyizane hano, kugira ngo ni yashika muri twebge idutabare ububasha bg’abansi bacu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 4:3
34 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ umwami abarira Sadoki, ati Subiza isandugu y’Imana ku murwa; Uhoraho ni yangirira ubuntu azongarukanayo, anyereke iyo sandugu yiwe n’ah’ aba.


Nuko Dawidi amaze kwinjira ingoro yiwe, abarira ūvugishwa n’Imana Natani, at’ Ehe jewe mba mu nzu yubakishijwe amasederi, na yo isandugu y’isezerano ry’Uhoraho iba mw ihema gusa.


Mana, n’iki catumye uduca tukaba ruhebga? N’iki gituma uburake bgawe bupfunduka nk’umwotsi, ubgo urakira intama zo mu canya cawe?


N’iki gituma upfunya ukuboko, ukuboko kwawe kw’i buryo? Gukūre mu gikiriza cawe, ubamare.


Uku ni k’Uhoraho abaza, at’ Icete c’uko tuvavanuye na nyoko, ico namwirukanishije, kiri hehe? Cank’ uwo narīriye umwenda ngatanga mwebge ngo mube inyishu, ari hehe? Ereg’ ukugabitanya kwanyu ni kwo kwatumye mutangwa, kand’ ibicumuro vyanyu ni vyo vyirukanishije nyoko.


Barabaza, bati Mbeg’ igituma twisonzesha, nturuhe ubibona, ni ku ki? Igituma twibabaza, nawe ukavyirengagiza, ni ku ki? Erega mbiterwa n’uko ku musi wanyu wo kwisonzesha mupfa kwikorera ivyanyu, mugakoresha nabi abakozi banyu bose.


Ehe, ukuboko kw’Uhoraho ntikubaye kugufi ngo kunanirwe gukiza, n’ugutwi kwiwe ntikwapfuye ngo kunanirwe kwumva:


arikw ibigabitanyo vyanyu ni vyo vyabatandukanije n’ Imana yanyu, kand’ ivyaha vyanyu ni vyo vyabakīngiriye mu nyonga hayo, bituma yanka no kwumva.


Maze mur’ iyo misi, ni mwamara kugwira no kurondoka mu gihugu, ni jewe Uhoraho mbivuze, ntibazoba bakivuga isandugu y’isezerano ryanje, jewe Uhoraho, kandi ntibazoba bakiyiyumvira canke ngo bayibuke; ntibazoba bakiyikumbura, canke ngo babe bagisubira kubāza iyindi.


Ntimwizigire amagambo y’ibinyoma, avuga ngo Nguru urusengero rw’Uhoraho, nguru urusengero rw’Uhoraho, nguru urusengero rw’Uhoraho!


Nuko barahaguruka, bava ku musozi w’Uhoraho, bagenda urugendo rw’imisi itatu; kand’ isandugu y’isezerano ry’Uhoraho ibaja imbere iyo misi itatu y’urugendo, kugira ngw ibaronderere aho baruhukira.


Maz’ ukw isandugu ihagurutse, Mose yaravuga, at’ Uhoraho, haguruka, ababisha bawe basanzare, abansi bawe baguhunge.


Nuko Mose arungika izo ngabo gutera, ukw ar’ igihumbi‐igihumbi mu miryango yose; abarungikana na Finehasi mwene Eleyazari umuherezi, ajanye ibintu vyera n’inzumbete zo kuvuzwa ijwi rirengēra.


bazobaza, mbere n’amahanga yose azobaza, bati Mbega n’iki cateye Uhoraho kugirira ico gihugu artyo? ubgo burake bg’inkazi bururumba bgavuye ku ki?


ati Ni mujane iki gitabo c’ivyagezwe, mugishire i ruhande y’isandugu y’isezerano ry’Uhoraho Imana yanyu, kigumeho kugira ngo kibe icabona co kubāgiriza.


bafise ishusho yo kwubaha Imana, ariko bahakana ubushobozi bgakwo: abameze bartyo wame ubatera ibitugu.


hārimw’ igicaniro co kwoserezakw imibavu cakozwe mw izahabu, hārimwo n’isandugu y’isezerano yometswekw izahabu impande zose, irimw’ urwavya rw’izahabu rurimwo manu, irimwo na ya nkoni ya Aroni yashurika, na vya bisate vy’amabuye vyanditswekw isezerano.


muze mubishure, muti N’ukw amazi ya Yorodani yīmiriwe, akitandukaniriza imbere y’isandugu y’isezerano ry’ Uhoraho; mut’ Igihe yarikw irajabuka Yorodani, amazi yarwo yarīmiriwe; muti Kand’ aya mabuye yabereyeho kuba icibutso c’Abisirayeli gushitsa ibihe vyose.


Nuko Yosuwa mwene Nuni ahamagaza abaherezi, arababarira, ati Ni murerure isandugu y’isezerano, maz’ abandi baherezi ndwi bajane inzamba ndwi z’amahembe y’impfizi z’intama, bagende imbere y’isandugu y’Uhoraho.


Yosuwa aravuga, ati Yoo! Ewe Mwami Uhoraho! N’ iki catumye ujabutsa aba bantu Yorodani, kugira ng’ utugabure mu maboko y’Abamori ngo batugeseze? Ereg’ iyo tuba twapfumye tuguma hakurya ya Yorodani!


None ga Mwami, ndacavuga iki, kw Abisirayeli babinjitse ibitugu imbere y’abansi babo?


Ayo ni yo abakiza namwe ubu, mu buryo bg’ikigereranyo c’ukubatizwa, s’ugukūrah’ imvyiro zo ku mubiri, ariko n’isezerano ry’umutima utāgiriza ikibi usezeranye ku Mana, abakirisha ukuzuka kwa Yesu Kristo,


Ndagomba kubibutsa, naho vyose musanzwe mubizi, yuk’ Umwami Imana, imaze gukirisha bga bgoko kubakūra mu gihugu ca Egiputa, hanyuma yahoneje abatizeye.


Amaze kumucūtsa aramudūgana, ajana n’imasa imaze imyaka itatu, n’ingero yitwa efa y’ifu, n’umukuza w’urusato wa vino; nukw amujana i Shilo mu ngoro y’Uhoraho; kand’ uwo mwana yar’ akiri mutoya.


Maze Sauli abarira Ahiya, ati Zana hano isandugu y’Imana; kuko mur’ iyo misi isandugu y’Imana yajana n’ Abisirayeli.


Abafilisitiya batonda urugamba ngo barwanye Abisirayeli: bamaze kurumana, Abisirayeli baneshwa n’ Abafilisitiya, Abafilisitiya babicamw’ abantu nk’ibihumbi bine mur’ urwo rugamba.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ