21 Yita uwo mwana Ikabodi; at’ Icubahiro kirashize mu Bisirayeli. Icatumye avuga artyo n’ukw isandugu y’ Imana yafashwe mpiri, kandi n’ uko sebukwe n’umugabo wiwe bāpfuye.
Uko ni ko bākāvye icubahiro cabo Igishushanyo c’impfizi irisha ubgatsi.
Uhoraho, nkunda ah’ inzu yawe igerereye, Ahantu ubgiza bgawe buba.
Itanga icubahiro cayo ngo kijanwe kw inyagano, N’ubgiza bgayo ngo buje mu maboko y’umurwanizi.
Abaherezi babo bicwa n’ inkota, Abapfakazi babo ntibābaririra.
Mbega harih’ ihanga ryigeze gukāba imana zaryo, nah’ atar’ imana nya mana? Arikw abantu banje bo, icubahiro cabo bāgikāvye ibitagira ikimazi.
Ewe kuntu Umwami Imana yaratse, akūbikiza igicu ku mukobga w’i Siyoni! Yatsinze hasi ubgiza bg’ Abisirayeli abuhanuye kw ijuru, Kandi ntiyibutse indava y’ ibirenge vyiwe kur’ uwo musi w’uburake bgiwe.
Naho borera abana babo, nzobabahēkūra, ntihaze hagire umuntu asigara: mbere bazobona ibara igihe nzoba mbataye!
harimwo na Ahiya mwene Ahitubu, Ahitubu mukuru wa Ikabodi mwene Finehasi, Finehasi yari mwene Eli, umuherezi w’Uhoraho i Shilo; kandi Ahiya yambara efodi. Arikw abantu ntibamenya ko Yonatani yagiye.
Ngo Kand’ ikizoba ku bahungu bawe bompi, Hofuni na Finehasi, kizokubera ikimenyamenya c’ivyo: bompi bazopfira umusi umwe.
Uwo musi nzoshitsa kuri Eli ivyo navuze ku nzu yiwe vyose, iyo biva bikagera.
Kand’ isandugu y’ Imana ifatwa mpiri; na bene Eli bompi, Hofuni na Finehasi baricwa.
Aravuga, at’ Icubahiro kirashize mu Bisirayeli, kukw isandugu y’Imana ifashwe mpiri.