20 Maz’ ari hafi yo gucīkāna, abagore bāri bamuhagaze i ruhande baramubarira, bati Rema, kuk’ uvyaye umuhungu! Ariko nta co yabishura, canke ngw anabibabare.
Bava i Beteli, baragenda; bari bashigaje akarere, bagashika muri Efurata, Rakeli araramukwa, aragumirwa.
Ku musi w’umubabaro wanje narondeye Umwami Imana: Ukuboko kwanje mw ijoro kwararāmvuwe, ntikwatenzura; Umutima wanje wanka kwirurwa.
Umugore iy’ aramutswe, aja mu mubabaro, kukw igihe ciwe kigeze, arikw iy’ umwana amaze kuvuka ntaba acibuka kugorwa kwiwe, kukw anezerejwe n’uk’ umuntu avutse mw isi.
Umukazana wiwe, muka Finehasi, yar’ afise inda, ari hafi yo kuvyara. Nuko yumvise izo nkuru yukw isandugu y’Imana yafashwe mpiri, kandi ko sebukwe n’ umugabo wiwe bapfuye, aca apfukama, aravyara, kukw ibise vyaciye bimufata.