Dawidi aramubaza, ati Vyagenze bite? Ntabara umbarire. Aramwishura, at’ Abantu barahunze bava mu rugamba, kandi benshi baruguyemwo, barapfa; na Sauli na Yonatani umuhungu wiwe na bo bārapfuye.
Uhoraho yongera guhamagara, ati Samweli! Nuko Samweli aravyuka, aja iyo Eli ari, ati Ndaje nditavye. Na we at’ Eka singuhamagaye, mwananje: subira kuryama.