15 Kandi Eli yar’ amaze imyaka mirongwicenda n’umunani; amaso yiwe yar’ ahumye, ntiyar’ akibona.
Isaka ashaje, amaso yiwe asigaye abona ivyijiji, ahwihwisha gusa, ahamagara imfura yiwe Esau, at’ Ewe mwana wanje! Aritaba, ati Sabge!
Nuk’ umwamikazi wa Yerobowamu abigenza artyo, arahaguruka, aja i Shilo kwa Ahiya. Kandi Ahiya ntiyar’ agishobora kubona, kukw amaso yiwe yar’ asigaye ar’ ivyijiji kubg’ ubusāza.
Imisi y’imyaka yacu n’imyaka mirongwirindwi, Canke naho, kubg’ intege nyinshi, yoshika kuri mirongumunani, Yamar’ ivyiratwa vyayo n’ ubutame n’umubabaro, Kukw ishira vuba, natwe tukaba tugurutse.
Ico gihe Eli yar’ atanguye guhuma, asigaye ahwihwisha gusa. Umusi ur’ izina yiryamiye ku buriri bgiwe,
Maze Eli yumvise ijwi ry’amaborogo, arabaza, at’ Urwo rwamo n’urw’ iki? Nuk’ uwo muntu aza yirukanga, abibikira Eli.