14 Maze Eli yumvise ijwi ry’amaborogo, arabaza, at’ Urwo rwamo n’urw’ iki? Nuk’ uwo muntu aza yirukanga, abibikira Eli.
Ewe uba i Aroweri, hagarara i ruhande y’ inzira, wirābire indore: baza umugabo ahunze n’umugore yiyunzūra, uti Bibaye bite?
Kand’ aho yaza, Eli yari yicaye ku ntebe yiwe i ruhande y’inzira, ategereye agakuru, kuko yar’ ahagaritswe umutima n’isandugu y’Imana. Nuk’ uwo muntu ashitse mu gisagara, avuga inkuru z’ivyabaye; abo mu gisagara bose bacura umuborogo.
Kandi Eli yar’ amaze imyaka mirongwicenda n’umunani; amaso yiwe yar’ ahumye, ntiyar’ akibona.