Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 4:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Kand’ aho yaza, Eli yari yicaye ku ntebe yiwe i ruhande y’inzira, ategereye agakuru, kuko yar’ ahagaritswe umutima n’isandugu y’Imana. Nuk’ uwo muntu ashitse mu gisagara, avuga inkuru z’ivyabaye; abo mu gisagara bose bacura umuborogo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 4:13
9 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uhoraho, nkunda ah’ inzu yawe igerereye, Ahantu ubgiza bgawe buba.


Ewe uba i Aroweri, hagarara i ruhande y’ inzira, wirābire indore: baza umugabo ahunze n’umugore yiyunzūra, uti Bibaye bite?


Kukw Abanyakanani n’abari mu gihugu bose bazovyumva, bāze batuzingazinge, bazimirize izina ryacu mw isi: non’ izina ryawe rikomeye uzorirwanira ngw iki?


Maze barangije kurya no kunywa aho bāri bari i Shilo, Hana ava hasi. Kandi Eli umuherezi yari yicaye ku ntebe yiwe ku gishimaryango mu rusengero rw’Uhoraho.


Maze Eli yumvise ijwi ry’amaborogo, arabaza, at’ Urwo rwamo n’urw’ iki? Nuk’ uwo muntu aza yirukanga, abibikira Eli.


Nukw amaze kuvuga ivy’ isandugu y’Imana, Eli ahanuka ku ntebe yiwe, agwa agaramye ku gikingi c’irembo, akenyura izosi, arahwera; kuko yar’ umutāma, kandi yari yiremereye. Yar’ amaze imyaka mirongwine ar’ umucamanza w’Abisirayeli.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ