Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 4:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Maz’ umuntu wo mu ba Benyamini ava mu rugamba, agenda yiruka, ashika i Shilo uwo musi, yitantamuriyekw impuzu ziwe, yiyoreye ivu mu mutwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 4:12
9 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

ku musi ugira gatatu haza umuntu avuye aho Sauli yar’ ashagaje, yitantamuriyekw impuzu ziwe, yiyoreye ivu mu mutwe; ashitse imbere ya Dawidi akubita inkoro hasi, aramwunamira.


Maze Tamari yiyorera umunyota mu mutwe, yitantamurirako wa mwambaro wiwe w’amaboko, yiremēka ukuboko, agenda ararira ingenda, aboroga.


Maze Dawidi ashitse ku mpinga y’uwo musozi, aho bama basengera Imana, Hushayi Umwaruki aza guhūra na we, yitantamuriyekw impuzu yiwe, yisutse ivu ku mutwe.


Maze ku musi ugira mirongwibiri na kane wo mur’ ukwo kwezi, Abisirayeli barakorana, barisonzesha bambaye amagunira, bīrengeje imikungugu ku mitwe.


Bunamuye amaso bakiri kure ntibaruha bamumenya, baca baraturika bararira; umuntu wese muri bo yitantamurirak’ umutamana wiwe, basūrira umukungugu hejuru y’ imitwe yabo.


ngo Ni ho azohindura iyi ngoro kuba nk’i Shilo, kandi n’iki gisagara ngw Azogihindura ikivume ku mahanga yose yo mw isi.


kur’ uwo musi impunzi izoza kuri wewe ibikubarire.


bazorenza amajwi bakuririra, baboroge cane, biyorere imikungugu ku mitwe, bikumbagaze mu minyota:


Yosuwa na we yitantamurirakw impuzu ziwe, yitembagaza imbere y’isandugu y’Uhoraho ashitsa ku mugoroba, bo n’abakuru b’Abisirayeli, bīsūrirakw imikungugu ku mitwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ