11 Kand’ isandugu y’ Imana ifatwa mpiri; na bene Eli bompi, Hofuni na Finehasi baricwa.
Yamar’ Abisirayeli bagerageza Imana isumba vyose, barayigarariza, Ntibitondera ivyo yashingiye intahe.
Abaherezi babo bicwa n’ inkota, Abapfakazi babo ntibābaririra.
Umunyavyaha azobona ibara! Azomererwa nabi, kukw azogererwa ingero y’ivyo amaboko yiwe yakoze.
Enda ni mugende ha hantu hanje i Shilo, aho natanguye gushira izina ryanje ngo rihabe, mwitegereze ivyo nahagiriye kubg’ ivyaha vy’abantu banje b’Abisirayeli.
Ngw Ehe rāba, imisi igiye kuza, akūreh’ inkomezi zawe, n’iz’ ab’ inzu ya sogokuruza, hoye kugira uwo mu nzu yawe azoba agishika mu zabukuru.
Ngo Maze mu magorwa yawe uzotimamukira ivyiza azoba ahaye abandi Bisirayeli; ngo Kandi nta n’umwe wo mu nzu yawe azoba agishika mu zabukuru kugeza ibihe vyose.
Ngo Kand’ ikizoba ku bahungu bawe bompi, Hofuni na Finehasi, kizokubera ikimenyamenya c’ivyo: bompi bazopfira umusi umwe.
Uwo musi nzoshitsa kuri Eli ivyo navuze ku nzu yiwe vyose, iyo biva bikagera.
Yita uwo mwana Ikabodi; at’ Icubahiro kirashize mu Bisirayeli. Icatumye avuga artyo n’ukw isandugu y’ Imana yafashwe mpiri, kandi n’ uko sebukwe n’umugabo wiwe bāpfuye.