Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 4:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Nukw Abafilisitiya bashirako bararwana, maz’ Abisirayeli baraneshwa, umuntu wese ahungira i we; haba agatikizo gakomeye: mu Bisirayeli hapfa ingabo ibihumbi mirongwitatu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 4:10
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko bajana ikiziga ciwe, bagishiburira mu rwobo runini rwar’ aho mu kibira, bakirundakw ikirundo c’amabuye kinini cane; nukw Abisirayeli bose baratemesha, umuntu wese ahungira i we.


Abisirayeli baneshwa n’abantu ba Dawidi; uwo musi haba agatikizo gakomeye, hapfa ibihumbi mirongwibiri,


Nuk’ umwami aca arahaguruka, aja kuvyagira ku kirimba. Maze babarira abantu bose, bat’ Ereg’ umwami avyagiye ku kirimba. Nukw abantu bose baza kumushengerera. Kand’ Abisirayeli bose bari barashwiragiye, umuntu wese aja i we.


Hār’ umuntu w’umugesera yitwa Sheba, mwene Bikuri Umubenyamini; aca avuza inzamba, aravuga, ati Dawidi nta co tumwegako, nta mugabane dufise kuri mwene Isayi: yemwe Bisirayeli, hogi twitahire, umuntu wese aje i muhira!


Maz’ Abisirayeli bose babonye yuk’ umwami yanse kubemerera, baramubarira, bati Dawidi har’ ico tumwegako? Eka nta mugabane dufise kuri mwene Isayi: yemwe Bisirayeli, hogi twitahire i muhira! Nawe Dawidi, urimenya, mwe n’umuryango wawe! Nukw Abisirayeli baritahira, basubira i wabo.


Maze nko ku kirengazuba humvikana akāmo mu ngabo, ngo Ni mutahe, musubire mu bisagara vyanyu no mu ntāra z’i wanyu.


Maz’ Abayuda baneshwa n’Abisirayeli, umuntu wese ahungira i we.


Abiya n’ingabo ziwe babatikiza agatikizo gakomeye; mu ngabo z’ Abisirayeli z’intorwa hapfamw’ ibihumbi amajana atanu.


Maz’ Abayuda baneshwa n’Abisirayeli, umuntu wese ahungira i we.


Abefurayimu naho bāri bafise ibirwanishwa batwaye imiheto, Bākimiranye ku musi w’intambara;


Enda ni mugende ha hantu hanje i Shilo, aho natanguye gushira izina ryanje ngo rihabe, mwitegereze ivyo nahagiriye kubg’ ivyaha vy’abantu banje b’Abisirayeli.


Kandi nzohoza igitsūre canje kuri mwebge, muzoneshwa n’abansi banyu: ababanka ni bo bazobaganza; kandi muzohunga ata kibirukanye.


Ariko ni mutumvira Uhoraho Imana yanyu, ngo mwitondere ivyagezwe vyiwe vyose n’amabgirizwa yiwe yose mbagera uyu musi, iyi mivumo yose izobazako, ibashikīre.


Uhoraho azotuma muneshwa n’abansi banyu: muzojana inzira imwe mubateye, mu kubahunga muce mu nzira ndwi; muzoba akūmiza mu bihugu vyose vyo mw isi.


Uhoraho abarira Samweli, ati Rāba nzokora ikintu mu Bisirayeli, ūzocumva wese imīnzerere izomuvuga mu matwi.


Abafilisitiya batonda urugamba ngo barwanye Abisirayeli: bamaze kurumana, Abisirayeli baneshwa n’ Abafilisitiya, Abafilisitiya babicamw’ abantu nk’ibihumbi bine mur’ urwo rugamba.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ