1 Bukeye Abisirayeli batera Abafilisitiya, basagaza ahabangikanye n’i Ebenezeri; Abafilisitiya na bo basagaza kuri Afeka.
Nuko wa mwaka utashe, ku gacikamvura Beni‐hadadi akoranya Abasiriya, aradūga aja i Afeka ngw atere Abisirayeli.
Abasigaye bahungira mu gisagara c’i Afeka; maz’ uruzitiro rwaho rw’amabuye rusidukira ku bantu ibihumbi mirongwibiri n’indwi mur’ abo bari basigaye. Beni‐hadadi na we arahunga, yitera mu nzu yo mur’ ico gisagara, arenga hirya mu mpete.
N’Abagebalu n’Abamoni n’ Abamaleki, N’Abafilisitiya n’ababa i Tiro:
Rāba uyu musi muhagaze imbere y’Uhoraho Imana yanyu mwese: abakuru b’imiryango, n’ abashingantahe banyu, n’abagabisha banyu, n’abagabo mwese bo mu Bisirayeli,
n’uw’ i Afeka, n’uw’i Lasharoni;
ahahera i bumanuko; bo n’igihugu cose c’ Abanyakanani, n’i Meyara h’Abasidoni, ugashitsa kuri Afeka ku rubibe rw’Abamori;
na Yanimu na Beti‐tapuwa na Afeka,
na Uma na Afeka na Rehobu: ibisagara vyose na vyose vyari mirongwibiri na bibiri, bifise imihana ibikūkira.
arik’ uyu musi muranse Imana yanyu, kand’ ari yo nyene ubgayo ihora ibakiza mu vyago vyanyu vyose no mu magorwa; mwarayibgiye ngo n’ibahe umwami. Nuko rero, ni muze muhagarare imbere y’Uhoraho, umuryango wose uk’ uri, n’ inzu yose ukw iri.
Nukw Abafilisitiya bakoraniriza ingabo zabo zose i Afeka, Abisirayeli na bo basagaza hafi y’iriba ry’i Yezireli.
Uhoraho abarira Samweli, ati Rāba nzokora ikintu mu Bisirayeli, ūzocumva wese imīnzerere izomuvuga mu matwi.
Abafilisitiya batonda urugamba ngo barwanye Abisirayeli: bamaze kurumana, Abisirayeli baneshwa n’ Abafilisitiya, Abafilisitiya babicamw’ abantu nk’ibihumbi bine mur’ urwo rugamba.
Abafilisitiya bafashe mpiri isandugu y’Imana, bayikūra i Ebenezeri bayijana i Ashidodi.
Maze Samweli yābīra ibuye, arishinga hagati y’i Misipa n’i Sheni, aryita Ebenezeri, ati Kugeza n’ubu Uhoraho aradutabaye.